-
Abaroma 16:25, 26Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
25 Imana irashobora kubakomeza biciye ku nkuru nziza menyesha no ku vyo namamaza vyerekeye Yezu Kristu. Iyo nkuru nziza yahishuwe biciye kuri rya banga ryeranda+ ryamaze igihe kirekire cane rihishijwe. 26 Mugabo ubu ryarashizwe ahabona* ryongera riramenyekana mu mahanga yose, biciye ku buhanuzi bwo mu Vyanditswe. Ya Mana yamaho yategetse ko rimenyekanishwa kugira abantu baremeshwe kugamburuka bivuye ku kwizera.
-