17 Nimba rero turi abana, turi na ba samuragwa. Turi ba samuragwa b’Imana koko, mugabo tukaba abaraganwa+ na Kristu, dukire gusa kubabarana na we+ kugira ngo kandi tuninahazwe hamwe na we+.
24 Ubu ndanezererwa imibabaro ndimwo ku bwanyu+, kandi ndiko ndashikirwa n’amakuba ya Kristu, naho ataranshikira ku rugero rwuzuye mu mubiri wanje. Ivyo binshikira ku bw’umubiri wiwe+, ari wo shengero+.