32 Ariko mugume mwibuka imisi ya kera, hamwe mwihanganira urugamba rukomeye mu mibabaro inyuma y’aho mumariye kumurikirwa+. 33 Hari igihe mwashirwa ku mugaragaro mugatukwa, mukagira n’amakuba. Hari n’igihe mwifatanya n’abariko barashikirwa na mwene ivyo bintu.