-
Abacamanza 14:5, 6Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
5 Samusoni amanukana rero na se na nyina i Timuna. Ashitse ku mirima y’imizabibu y’i Timuna, aza abona intambwe* iriko iraroha iza iyo ari. 6 Maze impwemu ya Yehova imuha inkomezi+, ku buryo iyo ntambwe ayitaburamwo kubiri nka kurya umuntu atabura umwagazi w’impene akoresheje amaboko gusa. Ariko ntiyabwira se canke nyina ivyo yakoze.
-
-
1 Samweli 17:34-36Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
34 Dawidi aca abwira Sawuli ati: «Mwami, ndi umwungere w’intama za data. Umusi umwe intambwe+ yaraje itwara intama. Ikindi gihe haza idubu na yo nyene itwara intama. 35 Naciye ndabikurikira ndabikubita, nkura nya ntama mu kanwa kavyo. Bigize ngo birampindukirira, naciye ndabicakira ivyoya* ndavyica. 36 Jewe umusuku wawe narishe iyo ntambwe n’iyo dubu. N’uyo Mufilisitiya atagenyerewe ni ko nza kumugira, kuko yasomborokeje* ingabo z’Imana nzima+.»
-