Imigani 21:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Uwiziba amatwi ngo ntiyumve ugutabaza kw’umuntu mutoyi,na we nyene azotabaza ntiyishurwe+. Matayo 5:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 Hahiriwe abanyembabazi+, kuko bazogirirwa imbabazi. Matayo 6:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Ariko nimutababarira abandi amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu+. Luka 6:36 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 36 Mubandanye kuba abanyembabazi, nk’uko na So wanyu ari umunyembabazi+.