4 Azocira urubanza umuntu muto ata karenganyo.
Azokosora abantu mu bugororotsi ku neza y’abicisha bugufi bo kw’isi.
Azokubitisha isi inkoni y’akanwa kiwe+,
yicishe umubisha impemu z’iminwa yiwe+.
5 Ubutungane buzoba umukaba yambara mu kiyunguyungu,
ubwizigirwa na bwo bube umukaba akenyeza mu mafyinga+.