12 Nca mpindukira kuraba uwariko avugana nanje. Mpindukiye, mbona ibintu indwi baterekako amatara vy’inzahabu+, 13 kandi hagati yavyo hari uwusa n’umwana w’umuntu+. Yari yambaye impuzu ishika ku birenge kandi yari akenyeye umukanda w’inzahabu mu gikiriza.