Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Abami: ibirimwo 2 ABAMI IBIRIMWO MURI MAKE 1 Eliya avuga ko Ahaziya azopfa (1-18) 2 Eliya ajanwa mu gihuhusi (1-18) Elisha atora impuzu ya Eliya (13, 14) Elisha atyorora amazi y’i Yeriko (19-22) Idubu zica uduhungu tw’i Beteli (23-25) 3 Yehoramu, umwami wa Isirayeli (1-3) Abanyamowabu bagarariza Isirayeli (4-25) Abanyamowabu batsindwa (26, 27) 4 Elisha agwiza amavuta y’umupfakazi (1-7) Umugore w’i Shunemu w’umwakiranyi (8-16) Uwo mugore aronka umwana, nya mwana agapfa (17-31) Elisha azura uwo mwana (32-37) Elisha atuma isupu irika (38-41) Elisha agwiza imikate (42-44) 5 Elisha akiza Namani imibembe (1-19) Gehazi arwara imibembe kubera umwina (20-27) 6 Elisha atuma ishoka ireremba (1-7) Elisha n’Abasiriya (8-23) Amaso y’umusuku wa Elisha yuguruka (16, 17) Abasiriya batezwa uruhumyi (18, 19) Samariya hugarizwa hagatera ikigoyi (24-33) 7 Elisha avuga ko ikigoyi kigiye guhera (1, 2) Haboneka ibifungurwa mw’ikambi y’Abasiriya bahunze (3-15) Ivyo Elisha yavuze biranguka (16-20) 8 Wa mugore w’i Shunemu asubizwa itongo (1-6) Elisha, Beni-Hadadi na Hazayeli (7-15) Yehoramu, umwami w’Ubuyuda (16-24) Ahaziya, umwami w’Ubuyuda (25-29) 9 Yehu arobanurwa ngo abe umwami wa Isirayeli (1-13) Yehu yica Yehoramu na Ahaziya (14-29) Yezebeli yicwa, imbwa zikamurya (30-37) 10 Yehu yica abo mu muryango wa Ahabu (1-17) Yehonadabu ajana na Yehu (15-17) Yehu yica abasenga Bayali (18-27) Ivyaranze intwaro ya Yehu muri make (28-36) 11 Ataliya yiha ubutegetsi (1-3) Yehowasi yimikwa mu mpisho (4-12) Ataliya yicwa (13-16) Ibintu Yehoyada yahinduye (17-21) 12 Yehowasi, umwami w’Ubuyuda (1-3) Yehowasi asanasana urusengero (4-16) Igitero c’Abasiriya (17, 18) Yehowasi yicwa (19-21) 13 Yehowahazi, umwami wa Isirayeli (1-9) Yehowasi, umwami wa Isirayeli (10-13) Elisha ageza umwete wa Yehowasi (14-19) Elisha apfa, amagufa yiwe akazura umuntu (20, 21) Ubuhanuzi bwa nyuma bwa Elisha buranguka (22-25) 14 Amaziya, umwami w’Ubuyuda (1-6) Amaziya arwana n’Abanyedomu. Arwana n’Abisirayeli (7-14) Urupfu rwa Yehowasi, umwami wa Isirayeli (15, 16) Urupfu rwa Amaziya (17-22) Yerobowamu wa kabiri, umwami wa Isirayeli (23-29) 15 Azariya, umwami w’Ubuyuda (1-7) Abami ba nyuma ba Isirayeli: Zakariya (8-12), Shalumu (13-16), Menahemu (17-22), Pekahiya (23-26), Peka (27-31) Yotamu, umwami w’Ubuyuda (32-38) 16 Ahazi, umwami w’Ubuyuda (1-6) Ahazi aha igiturire Abashuri (7-9) Ahazi akora igicaniro nk’ic’abapagani (10-18) Urupfu rwa Ahazi (19, 20) 17 Hosheya, umwami wa Isirayeli (1-4) Isirayeli itemba (5, 6) Abisirayeli batwarwa mu bunyagano kubera ubuhuni (7-23) Abanyamahanga bazanwa ngo babe i Samariya (24-26) Abasamariya bavangatiranya ivy’ugusenga (27-41) 18 Hezekiya, umwami w’Ubuyuda (1-8) Incamake y’ingene Isirayeli yatemvye (9-12) Senakeribu atera Ubuyuda (13-18) Rabushake acokora Yehova (19-37) 19 Hezekiya atabaza Imana biciye kuri Yesaya (1-7) Senakeribu atera ubwoba ababa i Yeruzalemu (8-13) Isengesho rya Hezekiya (14-19) Yesaya avuga ivyo Imana yamwishuye (20-34) Umumarayika yica Abashuri 185.000 (35-37) 20 Hezekiya arwara hanyuma agakira (1-11) Intumwa zaje ziva i Babiloni (12-19) Urupfu rwa Hezekiya (20, 21) 21 Manase, umwami w’Ubuyuda. Yarasheshe amaraso (1-18) Yeruzalemu izosangangurwa (12-15) Amoni, umwami w’Ubuyuda (19-26) 22 Yosiya, umwami w’Ubuyuda (1, 2) Ibijanye no gusanasana urusengero (3-7) Batora igitabu c’amategeko (8-13) Hulida avuga ivyago bizoba (14-20) 23 Ibintu Yosiya yahinduye (1-20) Bahimbaza Pasika (21-23) Ibindi Yosiya yahinduye (24-27) Urupfu rwa Yosiya (28-30) Yehowahazi, umwami w’Ubuyuda (31-33) Yehoyakimu, umwami w’Ubuyuda (34-37) 24 Yehoyakimu agarariza. Urupfu rwiwe (1-7) Yehoyakini, umwami w’Ubuyuda (8, 9) Abajanywe i Babiloni ubwa mbere (10-17) Zedekiya, umwami w’Ubuyuda. Agarariza (18-20) 25 Nebukadinezari yugariza Yeruzalemu (1-7) Yeruzalemu n’urusengero rwaho bitikizwa. Abajanywe i Babiloni ubwa kabiri (8-21) Gedaliya aba buramatari (22-24) Gedaliya yicwa. Abantu bahungira mu Misiri (25, 26) Yehoyakini akurwa mw’ibohero i Babiloni (27-30)