Bibiliya y’isi nshasha (nwt) Imigani: ibirimwo IMIGANI IBIRIMWO MURI MAKE 1 Intumbero y’imigani (1-7) Ingaruka zo kugira abagenzi babi (8-19) Ubukerebutsi nyakuri burasemerera mu bibanza rusangi (20-33) 2 Agaciro k’ubukerebutsi (1-22) Rondera ubukerebutsi nk’itunga ryanyegejwe (4) Ubushobozi bwo kwiyumvira buradukingira (11) Ubuhumbu burakwega akarambaraye (16-19) 3 Ca ubwenge wizigire Yehova (1-12) Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vy’agaciro (9) Ubukerebutsi butuma duhimbarwa (13-18) Ubukerebutsi buraturinda (19-26) Ingene dukwiye gufata abandi (27-35) Korera iciza abandi igihe ubishoboye (27) 4 Inyigisho y’umuvyeyi (1-27) Niwironse ubukerebutsi imbere ya vyose (7) Nuhunge inzira mbi (14, 15) Inzira y’umugororotsi iguma irushiriza gukayangana (18) «Rinda umutima wawe» (23) 5 Niwirinde abagore b’ibihumbu (1-14) Nunezeranwe n’umugore wawe (15-23) 6 Ntiwishinge ingurane y’abandi (1-5) «Genda ku kimonyo wa kinebwe we» (6-11) Umuntu w’imburakimazi kandi w’umubisha (12-15) Ibintu indwi bishisha Yehova (16-19) Niwirinde umugore ameze nabi (20-35) 7 Gamburukira Imana maze wibereho (1-5) Umusore w’ikijuju yemera kuryosharyoshwa (6-27) «Nk’ishuri igiye ku macuniro» (22) 8 Ubukerebutsi burasemerera nk’umuntu (1-36) «Ndi intango y’ibikorwa vy’Imana vya kera cane» (22) «Nari iruhande y’Imana nk’umukozi w’umuhanga» (30) «Narakunda cane abana b’abantu» (31) 9 Ubukerebutsi nyabwo buratumira (1-12) «Ubukerebutsi buzotuma imisi yawe iba myinshi» (11) Umugore w’imburabwenge ariko aratumira (13-18) «Amazi bivye arasosa» (17) IMIGANI YA SALOMO (10:1–24:34) 10 Umwana w’ubwenge anezereza se (1) Amaboko y’umunyamwete aratungisha (4) Uwuvuga menshi ntabura gucumura (19) Umuhezagiro wa Yehova uratungisha (22) Gutinya Yehova bituma umuntu aramba (27) 11 Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto (2) Umuntu atubaha Imana akwegera abandi guhona (9) «Abajanama benshi batuma ibintu bigenda neza» (14) Uwutanga cane azororanirwa (25) Uwizigira ubutunzi bwiwe azogwa (28) 12 Uwanka gukosorwa ntagira ubwenge (1) «Amajambo avuzwe ata kwiyumvira ameze nk’ugucumita kw’inkota» (18) Kuremesha amahoro bizana umunezero (20) Umuntu avuga ibinyoma arashisha Yehova (22) Amaganya araremera umutima (25) 13 Abarondera impanuro ni abanyabwenge (10) Iyo umuntu yiteze ibintu bigateba aravunika umutima (12) Intumwa yizigirwa irakiza (17) Uwugendana n’abanyabwenge azoba umunyabwenge (20) Gukosora umwana vyerekana urukundo (24) 14 Umuntu ni we ashobora gutahura umubabaro wiwe (10) «Hari inzira umuntu yibwira ko igororotse» (12) Uwutagira ubwenge yemera ivyo bamubwiye vyose (15) Umutunzi agira abagenzi benshi (20) Umutima utekanye utuma umubiri ugira amagara meza (30) 15 Inyishu irimwo ubwitonzi ihwamika uburake (1) Amaso ya Yehova ari ahantu hose (3) Isengesho ry’umugororotsi rirahimbara Imana (8) Imigambi irapfa iyo hatabaye ukuja inama (22) Nuzirikane imbere yo kwishura (28) 16 Yehova ni we asuzuma imitima (2) Nuragize Yehova ivyo ukora vyose (3) Umunzane utabesha uva kuri Yehova (11) Imbere yo gusenyuka habanza ubwishime (18) Imvi ku mutwe ni urugori rw’ubwiza (31) 17 Ntiwishure ikibi ku ciza (13) Imbere y’uko haduka amahane, kura meza (14) Umugenzi nyakuri akundana igihe cose (17) «Umutima unezerewe ni umuti mwiza» (22) Umuntu afise ugutahura aracungera ivyo avuga (27) 18 Kwigunga si vyiza (1) Izina rya Yehova ni umunara ukomeye (10) Ubutunzi ntibukingira umuntu vy’ukuri (11) Ni vyiza kwumviriza impande zose (17) Umugenzi arakwumirako kuruta uwo muvukana (24) 19 Ugutahura kurahwamika ishavu (11) Umugore w’amahane ameze nk’igisenge kiva (13) Umugore w’ubwenge umuhabwa na Yehova (14) Kosora umwana wawe bigishoboka (18) Ni vyiza kwumviriza impanuro (20) 20 Umuvinyu utuma umuntu acokorana (1) Ikinebwe ntikirima mu rushana (4) Ivyiyumviro vy’umuntu bimeze nk’amazi ari kure (5) Si vyiza kugira indagano gihutihuti (25) Ubwiza bw’imisore ni inkomezi zayo (29) 21 Yehova ni we ayobora umutima w’umwami (1) Ubugororotsi buraruta ibimazi (3) Umunyamwete araroranirwa (5) Uwutumviriza abantu batobato na we nyene ntazokwumvirizwa (13) Nta bukerebutsi buri mu kurwanya Yehova (30) 22 Izina ryiza riraruta ubutunzi bwinshi (1) Niwigishe umwana wawe hakiri kare (6) Ikinebwe cibwira ngo hanze hariyo intambwe (13) Gukosora umwana biramurinda ubupfu (15) Umukozi w’umuhanga akorera abami (29) 23 Niwiyubare igihe bagutumiye (2) Ntiwiruke inyuma y’ubutunzi (4) Ubutunzi buraguruka bukigira (5) Ntube mu banywi b’umuvinyu urenze urugero (20) Umuvinyu ukomora nk’inzoka (32) 24 Ntiwumvire agashari inkozi z’ikibi (1) Ubukerebutsi ni bwo bwubaka inzu (3) Umugororotsi naho yogwa azohaguruka (16) Ntiwihore (29) Gukunda agatiro bitera ubukene (33, 34) IMIGANI YA SALOMO YIMUWE N’ABANTU B’UMWAMI HEZEKIYA (25:1–29:27) 25 Kugumya ibanga (9) Amajambo acaguwe neza (11) Kutinjirira abandi mu buzima (17) Kurunda amakara ku mutwe w’umwansi (21, 22) Agakuru keza kameze nk’amazi apfutse (25) 26 Ingene ikinebwe kimeze (13-16) Ntiwisuke mu matati y’abandi (17) Niwirinde gufyina mu buryo bubabaza abandi (18, 19) Ahatagira inkwi, umuriro urazima (20, 21) Amajambo y’umubeshi ameze nk’ivyo kurya biryoshe (22) 27 Gukosorwa n’umugenzi birafasha (5, 6) Mwananje, nezereza umutima wanje (11) Icuma gikarishwa n’ikindi (17) Numenye ubusho bwawe (23) Ubutunzi ntibwamaho (24) 28 Isengesho ry’umuntu atagamburuka rirashisha Imana (9) Uwatura ivyaha vyiwe azogirirwa ikigongwe (13) Uwurondera gutunga ningoga ntaguma ari intungane (20) Ni vyiza gukosora umuntu (23) Uwutanga cane nta co azobura (27) 29 Umwana barekerana amaramaza nyina (15) Ahatagira ukuyoborwa n’Imana abantu barirekura (18) Umuntu akaza ishavu avyura amahane (22) Uwicisha bugufi araninahazwa (23) Gutinya abantu ni ukwitega umutego (25) 30 UBUTUMWA BWA AGURI (1-33) Ntumpe ubukene canke ubutunzi (8) Ibintu bitigera bihaga (15, 16) Ibintu utigera umenya inzira yavyo (18, 19) Umugore arenga ibigo (20) Ibikoko bifise ubwenge burenze (24) 31 AMAJAMBO Y’UMWAMI LEMUWELI (1-31) Umugore abishoboye ni nde yomuronka? (10) Arakora cane (17) Avugana ubuntu (26) Abana biwe n’umugabo wiwe baramushemeza (28) Igikundiro n’ubwiza birahera (30)