DANIYELI
IBIRIMWO MURI MAKE
-
Umwami Nebukadinezari ahagarikwa umutima n’indoto yarose (1-4)
Nta ncabwenge n’imwe yashoboye kumubwira iyo ndoto (5-13)
Daniyeli asaba Imana ngo imufashe (14-18)
Ashemeza Imana kubera yamuhishuriye iryo banga (19-23)
Daniyeli abwira umwami iyo ndoto (24-35)
Insobanuro y’iyo ndoto (36-45)
Ibuye rigereranya ubwami rizosavya ico gishusho (44, 45)
Umwami atera iteka Daniyeli (46-49)
-
Igishusho c’inzahabu c’umwami Nebukadinezari (1-7)
Umwami ategeka abantu gusenga ico gishusho (4-6)
Abaheburayo batatu bagirizwa ko banse kugamburuka (8-18)
«Ntidushobora gukorera imana zawe» (18)
Batererwa mw’ifuru yaka umuriro (19-23)
Barokorwa muri uwo muriro ku gitangaro (24-27)
Umwami aninahaza Imana y’Abaheburayo (28-30)