Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 1 Timoteyo: ibirimwo 1 TIMOTEYO IBIRIMWO MURI MAKE 1 Indamutso (1, 2) Ingabisho ku bijanye n’abigisha b’ikinyoma (3-11) Ubuntu buhebuje Pawulo yagiriwe (12-16) Umwami w’ibihe bidahera (17) «Rwana intambara nziza» (18-20) 2 Musengere abantu b’uburyo bwose (1-7) Imana imwe, n’umuhuza umwe (5) Incungu y’indinganire ku bwa bose (6) Impanuro zigenewe abagabo n’abagore (8-15) Kwambara rupfasoni (9, 10) 3 Ibisabwa abahagarikizi b’ishengero (1-7) Ibisabwa abakozi b’ishengero (8-13) Ibanga ryeranda rijanye n’ukwihebera Imana (14-16) 4 Kwirinda inyigisho z’amadayimoni (1-5) Ingene woba umusuku mwiza wa Kristu (6-10) Kwihebera Imana biraruta kunonora umubiri (8) Niwiyubare ku vyo wigisha (11-16) 5 Ukuntu abato n’abakuze bakwiye gufatwa (1, 2) Gushigikira abapfakazi (3-16) Kuronsa abawe ivyo bakeneye (8) Nimutere iteka abakurambere bakora cane (17-25) «Akavinyu gakeyi kubera umushishito wawe» (23) 6 Abashumba bubahe ba shebuja (1, 2) Abigisha b’ikinyoma. Gukunda amahera (3-10) Ivyo umuntu w’Imana akwiye kwitwararika (11-16) Kuba abatunzi mu bikorwa vyiza (17-19) Rinda ico wajejwe (20, 21)