Bibiliya y’isi nshasha (nwt) Abaheburayo: ibirimwo ABAHEBURAYO IBIRIMWO MURI MAKE 1 Imana ivuga biciye ku Mwana wayo (1-4) Umwana araruta abamarayika (5-14) 2 Twitwararike cane ivyo twumvise (1-4) Yezu yahawe kuganza ibintu vyose (5-9) Yezu na benewabo (10-18) Imboneza ibajana ku bukiriro (10) Umuherezi mukuru afise imbabazi (17) 3 Yezu araruta Musa (1-6) Imana ni yo yubatse ibintu vyose (4) Twiyubare ntitubure ukwizera (7-19) «Uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo» (7, 15) 4 Akaga ko kutinjira mu karuhuko k’Imana (1-10) Twinjire mu karuhuko k’Imana (11-13) Ijambo ry’Imana ni rizima (12) Yezu ni umuherezi mukuru akomeye (14-16) 5 Yezu araruta abaherezi bakuru b’abantu (1-10) Mu buryo bwa Melekisedeki (6, 10) Yarize kugamburuka biciye ku mibabaro (8) Ajejwe gutanga ubukiriro bw’ibihe bidahera (9) Tube abantu bahumuye (11-14) 6 Dutere tuja imbere tugana ku buhumure (1-3) Abagwa baba bongeye kumanika Umwana w’Imana (4-8) Mutume icizigiro canyu gikomera (9-12) Imihango y’Imana yama iranguka (13-20) Umuhango w’Imana n’indahiro yayo ntibihinduka (17, 18) 7 Melekisedeki: umwami n’umuherezi adasanzwe (1-10) Ubuherezi bwa Kristu buraruta ubw’Abalewi (11-28) Kristu arashoboye gukiza neza (25) 8 Ihema ryagereranya ivyo mw’ijuru (1-6) Itandukaniro hagati y’isezerano rya kera na rishasha (7-13) 9 Igikorwa ceranda co mw’ihema ryo kw’isi (1-10) Kristu yinjiye mw’ijuru ajanye amaraso yiwe (11-28) Umuhuza w’isezerano rishasha (15) 10 Ibimazi vy’ibitungwa ntibikuraho ibicumuro (1-4) Amategeko yari igitutu (1) Ikimazi Kristu yatanze rimwe rizima (5-18) Inzira nshasha kandi nzima (19-25) Ntiduhebe gukoranira hamwe (24, 25) Twirinde gucumura n’ibigirankana (26-31) Kwizera Imana biradufasha kwihangana (32-39) 11 Insiguro y’ukwizera (1, 2) Uturorero tw’ukwizera (3-40) Uwudafise ukwizera ntashobora guhimbara Imana (6) 12 Yezu atuma ukwizera kwacu kuba ukutagira akanenge (1-3) Umugwi munini w’ivyabona (1) Ntimugaye ugutozwa indero kuva kuri Yehova (4-11) Mugorore inzira ibirenge vyanyu bicamwo (12-17) Mwegereye Yeruzalemu yo mw’ijuru (18-29) 13 Impanuro za nyuma be n’indamutso (1-25) Ntimwibagire kwakirana (2) Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka (4) Mugamburukire ababaja imbere (7, 17) Dushikanire Imana ikimazi c’ishemezo (15, 16)