Bibiliya y’isi nshasha (nwt) Abacamanza: ibirimwo ABACAMANZA IBIRIMWO MURI MAKE 1 Uturere abo mu muryango wa Yuda n’uwa Simeyoni bigaruriye (1-20) Abayebusi baguma i Yeruzalemu (21) Abakomoka kuri Yozefu bafata igisagara ca Beteli (22-26) Abisirayeli ntibomoye Abanyakanani bose (27-36) 2 Umumarayika wa Yehova agabisha Abisirayeli (1-5) Urupfu rwa Yosuwa (6-10) Abacamanza bo gukiza Isirayeli (11-23) 3 Yehova ageza Abisirayeli (1-6) Umucamanza wa mbere: Otiniyeli (7-11) Umucamanza Ehudi yica umwami avyibushe yitwa Eguloni (12-30) Umucamanza Shamugari (31) 4 Yabini umwami w’Abanyakanani acinyiza Abisirayeli (1-3) Umuhanuzikazi Debora n’umucamanza Baraki (4-16) Yayeli yica umukuru w’ingabo yitwa Sisera (17-24) 5 Debora na Baraki baririmba ururirimbo rw’intsinzi (1-31) Inyenyeri zirwanya Sisera (20) Uruzi Kishoni rwuzura (21) Abakunda Yehova bameze nk’izuba (31) 6 Abamidiyani bacinyiza Abisirayeli (1-10) Umumarayika abwira umucamanza Gideyoni ko Imana iri kumwe na we (11-24) Gideyoni asambura igicaniro ca Bayali (25-32) Impwemu y’Imana iza kuri Gideyoni (33-35) Ikimenyetso c’ubwoya bw’intama (36-40) 7 Gideyoni n’abasoda 300 (1-8) Ingabo za Gideyoni zitsinda Abamidiyani (9-25) «Inkota ya Yehova n’iya Gideyoni!» (20) Umuvurungano mw’ikambi y’Abamidiyani (21, 22) 8 Abefurayimu bashwanira Gideyoni (1-3) Gideyoni akurikira abami b’Abamidiyani akabica (4-21) Gideyoni yanka kuba umwami (22-27) Incamake y’ubuzima bwa Gideyoni (28-35) 9 Abimeleki yimikwa i Shekemu (1-6) Umugani wa Yotamu (7-21) Intwaro mbi ya Abimeleki (22-33) Abimeleki atera i Shekemu (34-49) Umugore umwe akomeretsa Abimeleki maze Abimeleki agapfa (50-57) 10 Abacamanza Tola na Yayiri (1-5) Abisirayeli bagarariza hanyuma bakigaya (6-16) Abamoni batera Abisirayeli (17, 18) 11 Bomora umucamanza Yefuta, mu nyuma akaba umukuru (1-11) Ivyo Yefuta yasiguriye umwami w’Abamoni (12-28) Indagano ya Yefuta. Umukobwa wa Yefuta (29-40) Uwo mukobwa ntiyigeze arongorwa (38-40) 12 Amatati hagati ya Yefuta n’Abefurayimu (1-7) «Vuga ngo Shiboleti!» (6) Abacamanza Ibuzani, Eloni na Abudoni (8-15) 13 Umumarayika aja kuraba Manowa n’umugore wiwe (1-23) Samusoni avuka (24, 25) 14 Umucamanza Samusoni arondera umugore w’Umufilisitiyakazi (1-4) Samusoni yica intambwe afashijwe n’impwemu ya Yehova (5-9) Agapfindo ka Samusoni ku rubanza rw’ubugeni (10-19) Umugore wa Samusoni bamuha uwundi mugabo (20) 15 Samusoni yihora Abafilisitiya (1-20) 16 Samusoni aja i Gaza (1-3) Samusoni na Delila (4-22) Samusoni yihora maze agapfa (23-31) 17 Ibigirwamana vya Mika n’umuherezi wiwe (1-13) 18 Abadani barondera aho boba (1-31) Abadani batwara ibigirwamana vya Mika n’umuherezi wiwe (14-20) Bafata i Layishi bagaca bahita Dani (27-29) Abadani basenga ikigirwamana (30, 31) 19 Ababenyamini b’i Gibeya bafata umugore umwe ku nguvu (1-30) 20 Intambara yo kurwanya Ababenyamini (1-48) 21 Ivyo bakoze ngo umuryango wa Benyamini ntuzimangane (1-25)