ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 32 rup. 80-rup. 81 ing. 2
  • Baraki n’abagore babiri badatinya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baraki n’abagore babiri badatinya
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Biciye ku kwizera, Baraki yaranesheje ingabo zikomeye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Abagore Babiri Badatinya
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • ‘Nahagurutse nka inabibondo muri Isirayeli’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • «Sinzoreka kujana nawe»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 32 rup. 80-rup. 81 ing. 2
Baraki ariko arabwira Debora ngo aze bajane

ICIGWA CA 32

Baraki n’abagore babiri badatinya

Haheze imyaka myinshi Yosuwa ayobora Abisirayeli, yarapfuye afise imyaka 110. Akiriho, Abisirayeli basenga Yehova. Ariko amaze gupfa, baciye batangura gusenga ibigirwamana nk’Abanyakanani. Kubera ko Abisirayeli batagumye bagamburukira Yehova, yararetse umwami w’Umunyakanani yitwa Yabini arabafata nabi. Baratakambiye Yehova ngo abafashe. Yehova yaciye abaha uwundi muntu abayobora yitwa Baraki. Yari kubafasha gusubira gusenga Yehova.

Umuhanuzikazi Debora yaratumyeko Baraki. Yagira amubwire ivyo Yehova yamutumye. Yamubwiye ati: ‘Tora abagabo 10.000, ugende kurwana n’abasoda ba Yabini ku ruzi Kishoni. Uzotsinda Sisera, umukuru w’abasoda ba Yabini.’ Baraki yaciye abwira Debora ati: ‘Tutajanye sinzogenda.’ Debora na we ati: ‘Tuzojana. Ariko umenye ko atari wewe uzokwica Sisera. Yehova yavuze ko azokwicwa n’umugore.’

Debora yarajanye na Baraki hamwe n’abasoda biwe ku musozi Tabori kugira bitegurire intambara. Sisera avyumvise, yaciye yegeraniriza abasoda biwe n’imikogote yiwe munsi y’uwo musozi. Debora yabwiye Baraki ati: ‘Uyu musi Yehova araguha intsinzi.’ Baraki n’abasoda biwe 10.000 baciye bamanuka uwo musozi, baja guhura n’abasoda ba Sisera.

Yehova yaciye atuma uruzi Kishoni rwuzura. Imikogote ya Sisera yaranse kugenda kubera ivyondo. Sisera yaciye ava mu mukogote wiwe ariruka. Baraki n’abasoda biwe baratsinze abasoda ba Sisera, ariko Sisera yarabasize! Yarahunze aja kwinyegeza mw’ihema ry’umugore yitwa Yayeli. Yayeli yaramuhaye amata aca aramupfuka n’uburengeti. Sisera yaciye asinzira kubera yari yarushe. Yayeli yarasobotse amucumita mu mutwe ikintu gisongoye, aca arapfa.

Baraki na Debora bariko bararirimbira Yehova

Baraki yaraje kurondera Sisera. Yayeli yaciye asohoka amubwira ati: ‘Injira ndakwereke umuntu uriko urarondera.’ Baraki yarinjiye aca asanga Sisera yapfuye. Baraki na Debora bararirimbiye Yehova kubera yafashije Abisirayeli gutsinda abansi babo. Abisirayeli baciye bamara imyaka 40 bibereye mu mahoro.

«Abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi.»​—Zaburi 68:11

Ibibazo: Debora yafashije gute Abisirayeli? Yayeli yerekanye gute ko adatinya?

Abacamanza 4:1–5:31

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika