Tugume Turi Intahemuka Kuri Yehova
UKUDAHEMUKA, naho ari ikintu c’imbonekarimwe muri iki gihe, ni kamere iranga abasuku b’Imana y’ukuri Yehova. Umuntu w’intahemuka aguma ashikamye mu bigeragezo kandi ntanyiganyiga naho igihe kirengana. Rimbura akarorero k’Umwami mwiza Hezekiya. Bibiliya ivuga yuko “mu bami bose b’i Buyuda bāmuherukiye nta wahwanye na we, no mu bāmwitangiye imbere.” Ni igiki catumye Hezekiya atamera nk’abandi? “Yifatanije n’Uhoraho akaramata,” naho yari akikijwe n’abasavyi b’imana y’ikinyoma Moleki. Egome, Hezekiya ‘ntiyakebeje ngo areke kumukurikira, ariko yitondeye ivyagezwe Yehova yageze Mose.’—2 Abami 18:1-6.
Uwundi muntu yagumye ari intahemuka kuri Yehova, ni intumwa Paulo. Inkuru y’igikorwa ciwe nk’uko tuyisanga mu Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu irashinga intahe bimwe bijijura ku vyerekeye ukudahemuka Paulo yari afise mu gukorera Imana n’ubugingo bwiwe bwose. Nko ku mpera y’ubuzima bwa Paulo bwo kw’isi, yarashoboye kuvuga ku bimwerekeye ati: “Narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.”—2 Timoteyo 4:7.
Ese ukuntu Hezekiya na Paulo ari uburorero bwiza dufise bw’ukudahemuka! Ese twokwigana ukwizera kwabo mu kuguma turi intahemuka ku Mana yacu Ihambaye, Yehova.—Abaheburayo 13:7.