ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/4 rup. 32
  • Urahawe ikaze n’igishika cinshi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urahawe ikaze n’igishika cinshi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/4 rup. 32

Urahawe ikaze n’igishika cinshi

IMFUNGURWA za Nyuma zo ku Mugoroba zatangujwe n’Umukama Yezu Kirisitu ubu hakaba haheze nk’imyaka 2.000, si ikintu gishimishije gusa cabaye muri kahise. Izo mfungurwa zaragize akosho gakomeye ku bantu kuva zigitangura guhimbazwa. Bakozwe ku mutima n’ivyo basomye mu nkuru ziri mu Njili ku bijanye n’ivyabaye muri iryo joro, abantu benshi barihatiye guhimbaza izo Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba mu buryo butandukanye.

Ivyo vyose birumvikana, kubera yuko na Yezu Kirisitu ubwiwe yategetse ko abayoboke biwe bahimbaza urwo rubanza kandi bakama babigira. Yarababwiye mu buryo butomoye ati: “[“Muragume mugira ivyo,” “NW”] kugira ngo kibe icibutso canje.”​—Luka 22:19; 1 Ab’i Korinto 11:23-25.

Kugira ngo iryo himbaza ribe vy’ukuri iry’ingirakamaro, birumvikana ko umuntu ategerezwa gutahura neza ico risobanura nk’uko biri mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Vyongeye, birahambaye kumenya ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye igenekerezo, umwanya hamwe n’ingene urwo rubanza rutegerezwa guhimbazwa.

Mu kugamburuka itegeko Yezu yatanze, Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose bazokoranira hamwe ku mugoroba wo ku wa Gatatu igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2003 kugira ngo bahimbaze urupfu rwa Yezu. Ico kizoba ari igihe co kwihweza Ivyanditswe no gukomeza ukwizera be n’urukundo bafitiye Umukama Yezu Kirisitu, we yavuze ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.” (Yohana 3:16) Urahawe ikaze n’igishika cinshi ngo uzokwifatanye na bo kuri uwo mugoroba kugira ngo na wewe nyene ushobore gukomeza ukwizera be n’urukundo ufitiye Yezu Kirisitu hamwe na Data wo mw’ijuru Yehova Imana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika