Ubuntu mvarukundo buhambaye ku rugero rungana iki?
‘UBUNTU mvarukundo bw’umuntu ni bwo butuma akundwa’, ukwo ni ko Bibiliya ivuga (Imigani 19:22, NW). Nkako, ibikorwa biranga ubuntu bivuye ku rukundo, biraba vyiza koko. Ariko rero, ijambo “ubuntu mvarukundo” muri Bibiliya ryerekeza ku buntu bushobora kuba bushingiye ku bucuti bwari buhasanzwe, nka bumwe usanga bushingiye ku gikorwa kiranga ubuntu uwundi yabanje kugukorera. Gutyo, birimwo iciyumviro c’ukudahemuka.
Umwami Yowasi w’Ubuyuda yarananiwe gutsimbataza iyo kamere nziza. Yari afise umwenda munini wo gukengurukira inasenge be na Yehoyada, umugabo w’uwo inasenge. Yowasi atarashikana umwaka, inakuru wiwe w’umubisha yarigize umwamikazi, hanyuma yica benewabo na Yowasi bose bobaye abaragwa b’intebe y’ubwami. Naho ari ukwo, ntiyashoboye kwica ako kana Yowasi, kubera yuko inasenge n’umugabo wiwe bari bakanyegeje aho adashobora kukabona. Baramwigishije kandi Ivyagezwe vy’Imana. Yowasi ashikanye imyaka indwi, umugabo wa inasenge yarakoresheje ubukuru afise bwo kuba umuherezi mukuru mu kwica nya mwamikazi w’umubisha, hanyuma yimika Yowasi.—2 Ngoma 22:10–23:15.
Umuhungu Yowasi yatwaye neza gushika umugabo wa inasenge apfuye, ariko inyuma yaho, yaciye ahindukirira ugusenga ibigirwamana. Imana yararungitse Zekariya, uwari umuhungu wa Yehoyada kugira aburire Yowasi ku vyerekeye ubuhakanyi bwiwe. Yowasi yaciye yicisha amabuye Zekariya. Ese ukuntu ico ari igikorwa kibabaje c’uguhemukira umuryango yari afitiye umwenda munini cane!—2 Ngoma 24:17-21.
Bibiliya ivuga iti: ‘Yowasi ntiyibuka [“ubuntu mvarukundo”, NW] se wa Zekariya yamugiriye, ku buryo yishe uwo mwana wiwe nyene.’ Zekariya agira acikane, yavuze ati: “[Yehova] n’arābe ibi, abihōre.” Nk’uko Zekariya yabivuze, Yowasi yararwaye cane, hanyuma yicwa n’abasuku biwe bwite.—2 Ngoma 24:17-25.
Aho gupfa nk’uko umwami Yowasi yapfuye, abakurikiza iyi mpanuro bose bazogira kazoza keza: “[“Ubuntu mvarukundo”, NW] n’ukuri ntibikuveko, . . . ni ho uzobona gushimwa . . . mu maso y’Imana n’abantu.”—Imigani 3:3, 4.