ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/6 rup. 32
  • ‘Salomo ntiyari ashajije nka rimwe muri ayo’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Salomo ntiyari ashajije nka rimwe muri ayo’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/6 rup. 32

‘Salomo ntiyari ashajije nka rimwe muri ayo’

AMASHURWE yo mw’ishamba nk’aya ubona kuri uru rupapuro, umuntu arakunda kuyabona ku nkengera y’amabarabara yo muri Afirika yo mu Bumanuko. Bayita kosmosi kandi akomoka mu ntara zishushe zo muri Amerika. Amashurwe yakaka nk’ayo aratwibutsa icigwa Yezu yatanze. Benshi mu bamwumviriza bari abakene, kandi bakaba bari barajwe ishinga n’ivyo bakeneye mu buryo bw’umubiri, ni ukuvuga imfungurwa be n’ivyambarwa.

Yezu yababajije ati: “Ikibaganyisha impuzu n’iki? Ni murābe amashurwe yo ku misozi ingen’akura, ntiyirirwa aratama, ntajisha impuzu; ariko ndababgira yuko na Salomo mu bgiza bgiwe bgose atar’ashajije nka rimwe mur’ayo”.​—Matayo 6:28, 29.

Haratanzwe ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’ubwoko bw’amashurwe yo mw’ishamba Yezu yari afise mu muzirikanyi. Ariko rero, Yezu yayagereranije n’ivyatsi bimenyerewe, avuga ati: “Non’Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ukwizera guke mwe?”​—Matayo 6:30.

Naho amashurwe kosmosi atamuka muri Isirayeli, ntabura gushigikira icigwa Yezu yariko yigisha. Umuntu yaba ayitegereza ari kure canke ari hafi, araryoheye ijisho kandi abafata amafoto ni yo bakunda gufotora, n’abahingura utugenegene ni yo bakunda gucapa. Mu vy’ukuri, Yezu ntiyariko ararenza urugero igihe yavuga ati: ‘Na Salomo mu bwiza bwiwe bwose, ntiyari ashajije nka rimwe muri ayo’.

Ni ikihe cigwa tuhakura muri iki gihe? Abasukurira Imana barashobora kudakeka yuko izobafasha kuronka ivya nkenerwa no mu bihe bigoye. Yezu yasiguye ati: ‘Mubandanye kwitwararika ubwami bw’Imana, ni ho ibintu nk’imfungurwa be n’ivyambarwa bikenewe muzovyongerwa’ (Luka 12:31). Vyemere, ivyiza nyavyo biva ku kurondera Ubwami bw’Imana. Mugabo woba uzi Ubwami bw’Imana ico ari co be n’ico buzokorera abantu? Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha kuronka inyishu ziva muri Bibiliya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika