Woba ari umugenzo gusa canke ni igiturire?
KU MASHURE amwamwe yisumbuye yo muri Polonye, abanyeshure bafise umugenzo wo gutororokanya amahera kugira ngo bagure ingabirano baha abigisha babo, bizigiye kuronka amanuta meza mu bibazo. Ntibitangaje kubona umukirisu akiri muto yitwa Katarzyna yaragize ingorane. Yibajije ati: “Ntange amahera canke ndeke?”. Abanyeshure nka we bamubwiye bati: “Ni ikintu kimenyerewe. Nta na kimwe uhomba, ahubwo urunguka vyinshi. Ni kubera iki none wijijanya imitima”?
Katarzyna yiyemerera ati: “Sinohakana yuko mu mwaka wa mbere w’amashure, nagiyemwo muri ukwo gutororokanya amahera. Mu nyuma ni ho natahuye yuko nahora nshigikira igiturire, na co kikaba ciyamirizwa muri Bibiliya”. Yaributse ivyanditswe vyerekana yuko Yehova atemera na gato ivy’igiturire (Gusubira mu vyagezwe 10:17; 16:19; 2 Ngoma 19:7). Katarzyna avuga ati: “Naratahuye ukuntu vyoroshe gutwarwa n’akosho k’urunganwe. Narongeye kubirimbura hanyuma kuva ico gihe sinasubira kujamwo muri uwo mugenzo”. Mu myaka itatu iheze, naho abandi banyeshure bamutyekeza, yari ashoboye gusigurira bamwebamwe yuko ataja muri ukwo gutororokanya ivyo bita ngo ni ingabirano, bivuye ku vyo yemera bishingiye kuri Bibiliya.
Bamwebamwe bagirije Katarzyna ko afise agatima k’ubwikunzi n’ak’ukudafashanya. Avuga ati: “Haracariho bamwebamwe tudacana uwaka. Mugabo benshi barubahiriza ivyiyumviro vyanje, ivyo na vyo bikaba bintera umunezero”. Katarzyna yahavuye amenyekana ko ari Icabona ca Yehova yumira ku ngingo ngenderwako za Bibiliya mu buzima bwa misi yose.