ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/9 rup. 32
  • Hazogera igihe aho imihango ishitswa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hazogera igihe aho imihango ishitswa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/9 rup. 32

Hazogera igihe aho imihango ishitswa

KAHISE kuzuyemwo imihango yatanzwe itashikijwe. Amahanga akenshi yarananiwe no gushitsa amasezerano yo kudatana mu mitwe yashizeko umukono ku mugaragaro, bica bituma abanyagihugu bayo baja mu ntambara zikomeye. Napoléon yarigeze kuvuga ati: “Intwaro zishitsa ivyo zisezerana igihe gusa zihatiwe kubigira canke igihe hari ico zizovyungukirako”.

Tuvuge iki ku mihango itangwa n’abantu? Ese ukuntu bivuna umutima igihe umuntu adashikije umuhango yatanze! Biravuna umutima canecane igihe ari umuntu uzi kandi wizigiye. Ni vyo, hari aho abantu boba badashoboye gushitsa imihango batanze canke bakaba badashaka kuyishitsa.

Ese ukuntu hari itandukaniro hagati y’imihango abantu batanga be n’iyo Imana itanga! Imihango y’Imana ni iyo kwizigirwa no kwishimira tugaherezako. Umuhango uwo ari wo wose Yehova Imana yatanze uzoshitswa. Ntuzobura koko kuranguka. Mu kuvuga ivy’uko ijambo ry’Imana ritabura gushika, muri Yesaya 55:11 havuga hati: “Uko ni kw ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera: ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye”.

Dukwiye none kubona gute imihango y’Imana yanditse muri Bibiliya? Nta gukeka ko dukwiye kuyizigira. Nk’akarorero, intumwa Yohani yanditse ati: “Eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize” (Ivyahishuriwe 21:3, 4). Urashobora kwinovora imihezagiro nk’iyo uramutse ukoze mu buryo buhuye n’aya majambo ya Yezu agira ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo”.​—Yohana 17:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika