Abasavyi b’Imana bameze nk’ibiti mu buryo ubuhe?
MU KUVUGA ivyerekeye umuntu ahimbarwa n’ingingo ngenderwako za Bibiliya kandi akazishira mu ngiro mu buzima bwiwe, umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, cama igihe caco, ibibabi vyaco ntivyuma: ic’azokora cose kizomubera ko” (Zaburi 1:1-3). Ni kubera iki ukwo kugereranya kubereye?
Ibiti birashobora kuramba cane. Nk’akarorero, ibiti bimwebimwe vy’imyelayo vyo mu karere ka Mediterane bivugwa ko bimaze imyaka iva ku gihumbi gushika ku bihumbi bibiri. Muri ubwo buryo nyene, ibiti vyitwa baobab vyo muri Afirika yo hagati bimara imyaka myinshi, kandi igiti co mu bwoko bwa pinusi citwa pin à cône épineux co muri Kaliforoniya, bivugwa ko kimaze nk’imyaka 4.600. Mw’ishamba, ibiti bimaze guhatura kenshi biragirira akamaro ibibikikuje. Nk’akarorero, ibiti birebire biratanga igitutu gikingira imivyaro, kandi amababi yavyo ahunguruka aratabira ivu.
Ibiti birebire kuruta ibindi mw’isi bikunda gukurira hamwe mu mashamba, aho usanga bishigikirana. Kubera ko imizi yavyo ishobora kuba isobekeranye, ibiti vyinshi birundanye birashobora kunanira igihuhusi kuruta kure n’iyo uko igiti kimwe gihagaze ukwa conyene ahantu mu vyatsi cobigira. Imizi miremire iratuma kandi igiti kironka amazi akwiye be n’ivyankenerwa bikwiye bivuye mw’ivu. Mu bihe bimwebimwe, imizi irashobora kwinjira cane ibwina mw’ivu gusumba uburebure igiti gifise, canke igashobora kurandarara cane ikarengana aho ibibabi vy’igiti bigarukira.
Intumwa Paulo ashobora kuba yakikirije ku giti igihe yasigura yuko abakirisu bakwiye ‘kugendera muri Kirisitu bashinze imizi muri we, bubatswe muri we, kandi bashikamishijwe n’ukwizera’ (Ab’i Kolosayi 2:6, 7). Si ivy’imbeshere, abakirisu bashobora guhagarara bashikamye igihe gusa bashinze imizi muri Kirisitu.—1 Petero 2:21.
Ni mu bundi buryo ubuhe abasavyi b’Imana bashobora kugereranywa n’ibiti? Emwe, nka kurya nyene ibiti biri mu kigunda bishigikirwa n’ibiti biri hafi yavyo, ni ko n’abantu bose baguma biyegereje ishengero rya gikirisu bashigikirwa n’abo basangiye ukwemera (Ab’i Galatiya 6:2). Abakirisu b’abizerwa, bahumuye, bafise imizi yo mu buryo bw’impwemu igera kure barafasha abakiri bashasha mu kwizera kuguma bashikamye mu kwizera, no mu gihe bahanganye no kurwanywa kumeze nk’igihuhusi (Abaroma 1:11, 12). Abakirisu bakiri bashasha barashobora gusagamba mu “gitutu” kibakingira c’abasavyi b’Imana barushirije kumenya utuntu n’utundi (Abaroma 15:1). Kandi abantu bose bagize ishengero rya gikirisu rikwiye kw’isi yose barungukira ku mfungurwa zo mu vy’impwemu zikomeza zitangwa n’“ibiti [“bininibinini”, NW] vy’ukugororoka”, ari yo ya masigarira y’abasizwe.—Yesaya 61:3.
Ese ingene vyeza umutima kubona abasavyi b’Imana bose bafise icizigiro co kwibonera iranguka ry’umuhango uri muri Yesaya 65:22 ugira uti: “Nk’ukw imyaka y’igiti ingana [ni ko] abantu banje bazoramba”.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 28]
Godo-Foto