Uburyo bwo gushikira ubuzima buramba kandi buhimbaye
BARAYAMAZE bati: “Ubusaza bunyaga ubugabo”. Abantu benshi iyo bashikiriye imyaka yo gukukuruka, bararonka umwanya wiyongereye, n’amabanga akarushiriza kuba make. Yamara, baratinya gucika abantu badafise intumbero mu buzima no gucika abantu ata co bashoboye. Baratinya kandi kuba ukwa bonyene, kubura agahimbare no kubona amagara yabo agenda aramera nabi.
None akabanga ko kugira ubuzima burimwo agahimbare ni akahe? Kugira abagenzi bameze neza be n’umuryango urangwamwo urukundo birafasha mu kuzanira agahimbare uwukiri muto n’uwukuze. Ariko ivyo abandi bakora kugira ngo batume ubuzima bw’umuntu ageze mu zabukuru buryoha, si co kintu gihambaye cane. Igihambaye kuruta, ni ivyo umuntu ageze mu zabukuru ashobora gukorera abandi.
Ivyigwa vy’igihe kirekire vyagizwe ku ngo 423 z’abubakanye bageze mu zabukuru, vyerekanye yuko “kugira ico dukoze kugira ngo dufashe abandi mu buzima bwabo vyoshobora gufasha mu kwongereza imisi yacu y’ukubaho”. Uwitwa Stephanie Brown, akaba ari na we yarongoye ivyo vyigwa, asigura ati: “Ivyo twatoye biratwereka ko ivyo turonkera mu bugenzi tugiranira n’abandi atari vyo bitugirira akamaro rwose, ibitugirira akamaro ni ivyo dutanga”. Ivyo dutanga bishobora kuba birimwo ugufasha abandi mu dukorwa tw’i muhira, kwitwararika abana, kubirukangira mu tuntu tumwetumwe bakeneye, kubafasha mu bijanye n’ukwiyunguruza canke gutega yompi umuntu akeneye kukuyagira.
Haraciye imyaka hafi 2.000 Yezu Kirisitu avuze ati: “Gutanga kuzana [“agahimbare”, NW], kuruta guhabga” (Ivyakozwe 20:35). Uburyo bwo gushikira ubuzima buramba kandi buhimbaye ntibuhagaze ku mahera menshi umuntu aba afise muri banki canke ku kubungabungirwa amagara mu buryo bwo kurwanya ubusaza canke ku gufungura imfungurwa zirwanya ubusaza. Ahubwo, buhagaze ku kuguma umuntu ashiruka ubute no gutanga umwanya wiwe, inguvu ziwe be n’inkomezi ziwe kugira ngo atume ubuzima bw’abandi bumera neza.
Ariko rero, kugira ngo dukire ubusaza, indwara be n’urupfu bizosaba n’ibindi turetse ukwo gutanga. Ubwami bw’Imana bwonyene ni bwo buzokuraho ivyo bintu. Igihe ubwo Bwami buzoba butegeka, indwara ntizizoba zikiriho, eka mbere n’“urupfu ntiruzoba rukiriho” (Ivyahishuriwe 21:3, 4; Yesaya 33:24). Nakare, abantu bagamburuka bazobaho ibihe bidahera mu gahimbare kw’isi izoba yabaye iparadizo (Luka 23:43). Ivyabona vya Yehova barahimbarwa no kuba bashobora kuronsa abandi ubwo buryo bushingiye kuri Bibiliya bwo gushikira ubuzima buramba kandi buhimbaye.