ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/8 rup. 30
  • Woba uvyibuka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uvyibuka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ya mpinduro yitwa la Bible polyglotte Complutensis ni igikoresho kidasanzwe cafashije mu vy’ubuhinduzi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Bibiliya y’i bwami—Intambwe ikomeye mu bijanye n’ubumenyi buhanitse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Icigwa ku vyerekeye ubwibone n’ukwicisha bugufi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/8 rup. 30

Woba uvyibuka?

Woba warahimbawe no gusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Ntiworaba none ko wokwishura ibibazo bikurikira?

• Ya mpinduro yitwa La Bible polyglotte Complutensis yari impinduro nyabaki, kandi ni kubera iki yari ihambaye?

Yari Bibiliya icapuwe, irimwo inkingi zibangabanganye zariko ibisomwa vyiza kuruta ibindi vyariho muri ico gihe mu giheburayo, mu kigiriki no mu kiratini, hamwe n’ibice bimwebimwe vy’igisomwa c’igiharameya. Iyo Bibiliya yarimwo ibisomwa vyo mu ndimi nyinshi, yabaye intambwe ihambaye igana kw’isohorwa ry’igisomwa kinonosoye co mu ndimi zo mu ntango.—15/4, urupapuro rwa 28-31.

• Abantu bashobora gute kunezereza Imana?

Kubera ko Yehova abaho koko, arashobora kwiyumvira no gukora ibintu akongera akagira inyiyumvo. Ni “Imana ihimbawe” kandi arahimbarwa n’ugushitsa umugambi wiwe (1 Timote 1:11, UB; Zaburi 104:31). Uko tuzorushiriza kwitwararika inyiyumvo z’Imana, ni ko tuzorushiriza kumenya ivyo dushobora gukora kugira ngo tunezereze umutima wayo.—15/5, urupapuro rwa 4-7.

• Ni kubera iki Dawidi yemeye ko umukenyezi wiwe Mikali atunga igishusho ca terafimu?

Igihe Umwami Sauli yagira umugambi wo kwica Dawidi, Mikali yaramufashije guhunga, mu kurambika ku buriri igishusho, icari kumbure kimeze nk’umutumba w’umugabo. Ashobora kuba yari afise terafimu kubera yuko umutima wiwe utari warifatanije akaramata n’Imana. Dawidi ashobora kuba atari azi ivy’ico gishusho canke akaba yaravyihojeje kubera yuko Mikali yari umukobwa w’Umwami Sauli (1 Ngoma 16:25, 26).—1/6, urupapuro rwa 29.

• Ni iciyumviro c’ishimikiro ikihe cari inyuma y’itegeko Imana yashinze ku vyerekeye amaraso?

Turavye ivyo Imana yavuze inyuma y’Umwuzure, mu Vyagezwe vya Musa be no mw’itegeko dusanga mu Vyakozwe 15:28, 29, yaradomye urutoke ku ncungu ishingiye ku maraso ya Yezu yasesetse. Biciye kuri ayo maraso gusa ni ho dushobora guharirwa tukongera tukagiranira amahoro n’Imana (Ab’i Kolosayi 1:20).—15/6, urupapuro rwa 14-19.

• Ni ibitangaro vya Yezu bingahe bivugwa muri Bibiliya?

Inkuru zo mu Njili zivuga ibitangaro 35 vya Yezu. Mugabo, igitigiri nyezina c’ibitangaro vya Yezu gushiramwo n’ibitavuzwe, nticahishuwe (Matayo 14:14).—15/7, urupapuro rwa 5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika