ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/8 rup. 32
  • “Ni co kintu ciza kuruta ibindi woshobora gukora”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ni co kintu ciza kuruta ibindi woshobora gukora”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/8 rup. 32

“Ni co kintu ciza kuruta ibindi woshobora gukora”

ALEXIS ni agahungu k’imyaka itanu ko mu gisagara ca Morelia muri Megizike, kakaba gafise abavyeyi biga Bibiliya kandi bitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Igihe kari kitavye iteraniro ry’umuzunguruko kari kumwe n’abo mu muryango, karihweje umwerekano ujanye n’ukwamamaza inzu ku nzu. Kaciye gahindukira bukwi na bukwi kabaza se gati: “Da, da, ni kubera iki utaja kwamamaza?”. Se yishuye ati: “Ndacariko ndiga kugira ngo nzobikore”. Alexis yaciye yishura n’akanyamuneza kenshi ati: “Da, ni co kintu ciza kuruta ibindi woshobora gukora”.

Ako gahungu karabonye ko bikenewe yuko kokora gahuza n’ubumenyi kari gafise bwerekeye Yehova. Kubera yuko kabana mu nzu imwe na mushikabo be na basazabo, kabanje gusenga Yehova hanyuma gaca kababwira ivyo kari karigishijwe n’abavyeyi bako mu Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Naho ki Alexis katari bwamenye gusoma, kari kazi neza ibiri muri ico gitabu karabiye mu mashusho ari muri co. Karanavuze mbere ko kipfuza kugendera abantu mu mihana iwabo kugira ngo kababwire ivyo kariko kariga ku bijanye n’imigambi y’Imana.

Vyemere, abato n’abakuze barashobora kubaho bahuza n’ivyo “Uwera” Yehova abitezeko, gutyo bagaterwa agateka karengeye utundi twose ko gushinga intahe ku bimwerekeye mu mahanga (Yesaya 43:3; Matayo 21:16). Nta gukeka ko ico ari kimwe mu bintu vyiza kuruta ibindi umuntu yoshobora gukora.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika