Ibibazo vy’abasomyi
Ishengero rya gikirisu ribona gute ubukunzi bw’inda?
Ijambo ry’Imana ririyamiriza akaborerwe be n’ubukunzi bw’inda mu kwerekana ko ari ingeso zitabereye abasukurira Imana. Ku vy’ivyo, umukunzi w’inda katwa be n’imborerwa, ishengero rya gikirisu ribabona cokimwe. Yaba imborerwa canke umukunzi w’inda, nta n’umwe ashobora kuba mu bagize ishengero rya gikirisu.
Mu Migani 23:20, 21 havuga hati: “Ntukabe mu gitigiri c’abanohowe na vino, no mu c’abanyameru y’inyama: Kukw imborerwa n’umunyameru [canke, “umukunzi w’inda”, NW] uburuhiro ar’ugufūtāna, kand’itiro rizokwambika umuntu ubucocerwa”. Mu Gusubira mu vyagezwe 21:20, tuhasoma ivyerekeye umuntu w’“intabarirwa . . . n’ikigāba”, yari akwiriye kwicishwa amabuye mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa. Nk’uko bivugwa muri uwo murongo, ibintu bibiri vyaranga uwo muntu w’ikigaba kandi atigaya vyari uko yaba ari “umunyangeso mbi [canke, “umukunzi w’inda”, NW] kandi yama aborerwa”. Si agaseseshwarumuri, muri Isirayeli ya kera, ubukunzi bw’inda bwabonwa ko ari ingeso itabereye ku bipfuza gusukurira Imana.
None umukunzi w’inda ni iki, kandi Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu bivuga iki kuri ivyo? Umukunzi w’inda bisigurwa ko ari “umuntu afise ingeso y’umunoho kandi arya akongera akanywa adahoma”. Ku bw’ivyo, kimwe coco twovuga yuko ubukunzi bw’inda ari ubwoko bw’umunoho, tukaba tuzi ko Ijambo ry’Imana ritubwira ko “abifuza” canke abanyamunoho batazoragwa Ubwami bw’Imana (1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Ab’i Filipi 3:18, 19; 1 Petero 4:3). Ikindi kandi, igihe intumwa Paulo yagabisha abakirisu ku vyerekeye “ibikorwa vy’akameremere”, yaravuze “kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ivyo” (Ab’i Galatiya 5:19-21). Kurya birenze urugero akenshi bijana no kuborerwa hamwe no kudandahirwa. Vyongeye, ubukunzi bw’inda butegerezwa kuba bushirwa mu bikorwa Paulo yavuze igihe yakoresha imvugo ngo “n’ibindi ben’ivyo”. Nk’uko biri no ku bindi “bikorwa vy’akameremere”, umukirisu amenyekanira ahanini ku bukunzi bw’inda kandi akanka n’akagagazo n’akantu guhindura inyifato yiwe yo kugira umunoho, akwiye gukurwa mw’ishengero.—1 Ab’i Korinto 5:11, 13a.
Naho Ijambo ry’Imana rifata cokimwe imborerwa n’umukunzi w’inda, imborerwa iroroshe kumenya kurusha umukunzi w’inda. Ibimenyetso biranga imborerwa akenshi biribonekeza bitagoranye. Ariko rero, kumenya urugero umuntu aba yagejejeko kugira yitwe umukunzi w’inda katwa biragoye gusumba, kubera ko urwo rugero rudashobora kumenyekanira gusa ku vyo amaso abona. Ku bw’ivyo rero, gutunganya ibintu muri bene uwo muce bisaba ko abakurambere mw’ishengero biyubara cane kandi bagakoresha ubukerebutsi.
Nk’akarorero, kuvyibuha birenze urugero vyoshobora kuba ikimenyetso kiranga umukunzi w’inda, mugabo ntivyama ari ukwo biri. Umuntu arashobora kuba avyibushe birenze urugero bitumwe n’indwara. Akonkano na ko nyene karashobora kuba ikintu gituma umuntu avyibuha birenze urugero. Dukwiye kandi kwama twibuka yuko kuvyibuha birenze urugero ari imero y’umubiri, mu gihe ubukunzi bw’inda bwobwo ari agatima. Kuvyibuha birenze urugero bisigurwa ko ari imero y’umubiri irangwa n’ibinure birenze urugero, mu gihe ubukunzi bw’inda bwobwo ari ugutwarwa n’umunoho canke ugutwarwa n’ukurenza urugero. Gutyo rero, ubukunzi bw’inda ntibumenyekanira ku kuntu umubiri w’umuntu ungana, ahubwo bumenyekanira ku gatima afise ku bijanye n’ibifungurwa. Umuntu ashobora kuba afise umutumba ugereranye canke washaka akaba ari mutomuto mugabo akaba ari umukunzi w’inda. Vyongeye, ivyo abantu babona ko ari ubunini busanzwe canke umutumba usanzwe, bigenda biratandukana cane bivanye n’ahantu.
None ibimenyetso biranga ubukunzi bw’inda ni ibihe? Umukunzi w’inda akunda kwerekana ko atitangira, mbere akarira agahokero gushika n’aho asigara yiyumvamwo ko atagifise ihemero canke mbere no kurwara akarwara. Ukutigumya kwiwe kwerekana yuko ivy’uko atukisha Yehova be n’uko asiga iceyi abasavyi biwe bitamuraza ishinga na gato (1 Ab’i Korinto 10:31). Ku rundi ruhande, umuntu kaza karacamwo akarenza urugero mu bifungurwa, ntiyoca abonwa ko ari “uwifuza” canke umunyamunoho (Abanyefeso 5:5). Ariko rero, twisunze ibivugwa mu B’i Galatiya 6:1, umukirisu nk’uyo hari aho yoba akeneye gufashwa. Paulo avuga ati: “Bene Data, umuntu [“niyatera intambwe itari yo imbere y’uko abimenya”, NW], mwebge ab’impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza”.
Ni kubera iki impanuro ya Bibiliya yo kwirinda kurenza urugero mu gufungura ihambaye na canecane muri kino gihe? Ni kubera ko Yezu yagabishije canecane ku biraba igihe cacu, ati: “Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa [canke, “kurenza urugero mu gufungura”, NW] no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego” (Luka 21:34, 35). Kwirinda kurira agahokero, ni uburyo bumwe buhambaye bwo kwamirira kure uburyo bwo kubaho bwonona mu vy’impwemu.
Ukwigerera ni kamere iranga abakirisu (1 Timoteyo 3:2, 11, NW). Nta gukeka rero yuko Yehova azofasha abo bose baronderana ubwira gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga ku bijanye no kwigerera mu gufungura no mu kunywa.—Abaheburayo 4:16.
[Akajambo k’epfo]
a Raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu nomero yo mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) yo ku wa 1 Rusama 1986.