Woba uhora uyaga n’abo mu muryango wawe?
UBUSHOBOZI bwacu bwo kuganira n’umuryango wacu buriko buragabanuka mu buryo buteye ubwoba”. Ivyo bivugwa n’ikinyamakuru kimwe (Polityka) co muri Polonye gisohoka ku ndwi ku ndwi. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bigereranywa yuko abubakanye bamarana iminuta itandatu gusa ku musi bariko barayaga mu buryo bwubaka. Abahinga bamwebamwe biyumvira ko ica kabiri c’abantu bose batandukana n’abahukana, babitumwa n’ukwo kutaganira.
Ivyo kuganira hagati y’abavyeyi n’abana vyovyo vyifashe gute? Iyo raporo nyene ivuga yuko akenshi “usanga atari ukuyaga, ahubwo bica bihinduka ukubaza ibibazo nk’ibi ngo: Kw’ishure vyagenze gute? Abagenzi bawe barakomeye?”. Nya raporo ica ibaza iti: “None abana bacu bokwiga gute gutsimbataza ubucuti burimwo igishika?”.
Kubera yuko kumenya kuganira neza bidapfa kwizana, dushobora gute kuryohora ubushobozi bwacu bwo kuyaga? Umwigishwa mukirisu Yakobo yaraduhaye impanuro ihambaye ati: “Umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka” (Yakobo 1:19). Emwe, kugira tuyage n’abandi mu buryo bwubaka, turakeneye gutega ugutwi twitonze no kutabacira mw’ijambo canke ngo twihutire kwemeza ibintu tudafitiye inkuru y’imvaho. Turirinda kunebagura kubera yuko bishobora guhagarika ikiyago bitagoranye. Vyongeye, Yezu yarabaza ibibazo akoresheje ukwiyubara, atari kugira ngo asokoroze abantu amajambo, ariko kugira ngo atume uwumwumviriza aserura akari ku mutima no kugira ngo akomeze ubucuti bafitaniye.—Imigani 20:5; Matayo 16:13-17; 17:24-27.
Mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako nziza dusanga muri Bibiliya, niwibwirize kuyaga no kuganira n’abo mu muryango wawe. Ivyo vyoshobora gutuma mugiranira ubucuti burangwa igishika muzokwinovora mu myaka n’iyindi, mbere no mu buzima bwanyu bwose.