ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/6 rup. 29
  • Barashemeza Yehova kw’ishure

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Barashemeza Yehova kw’ishure
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?
    Urwaruka ruribaza
  • Abakiri bato bashemeza Yehova bararyohora ubuzima bwabo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/6 rup. 29

Barashemeza Yehova kw’ishure

HIRYA no hino kw’isi, Ivyabona vya Yehova bakiri bato bararondera uturyo two gushemeza Imana kw’ishure, haba mu vyo bavuga no mu buryo bigenza. Raba ibintu bimwebimwe vyabaye vyerekana umwete wabo wo mu buto.

Hari Icabona akiri muto wo mu Bugiriki yahawe igikorwa co kugira ico yanditse ku bijanye n’ukwononekara kw’ikirere. Amaze kuraba mu gitabu c’ironderero (Index des publications de la Société Watch Tower), yarasanze mu kinyamakuru Réveillez-vous! amakuru yokoresha, maze mu gusozera ikiganiro ciwe aca aravuga ko ico kinyamakuru ari co yakuyemwo ayo makuru. Umwigisha wiwe yamubwiye ko ikiganiro ciwe ari kimwe mu biganiro vyizavyiza yari amaze gusoma mu vyo abanyeshure bandika. Nya mwigisha mu nyuma yarakoresheje ayo makuru mu gihe c’inama nkarishabwenge, kandi vyagenze neza. Uwo muvukanyikazi akiri muto yafashe ingingo yo guha uwo mwigisha izindi nomero za Réveillez-vous!, harimwo n’iyavuga ngo “Twobigenjeje gute iyaba hatari abigisha?”. Mu nyuma nya mwigisha yarashimagije ikinyamakuru Réveillez-vous! mw’ishure, maze abandi banyeshure bakeyi baca batangura gusaba amakopi yaco. Uwo muvukanyikazi yategerezwa kuzana amakopi y’ico kinyamakuru kw’ishure kugira ngo basome ibindi biganiro.

Mu gihugu ca Bénin muri afirika, umukirisu umwe w’umuyabaga yarahuye n’ikigeragezo kitamenyerewe. Nk’uko bisanzwe bigenda, abavyeyi b’abanyeshure batari bake bo kw’ishure ryabo, bariyungunganije ngo barihe abigisha kugira ngo babigishirize abana ivyigwa bigoye mu kubafasha kwitegurira ibibazo. Ariko rero, abo bigisha bahisemwo kuzoza baratanga ivyo vyigwa ku musi wa gatandatu mu gitondo. Ico Cabona akiri muto yaranse avuga ati: “Ku wa gatandatu mu gatondo ni wo musi abamamaji bose bo mw’ishengero bahurira hamwe kugira baje kwamamaza. Ni wo musi umpimbara kuruta iyindi, ku bw’ivyo, nta co nowuguza!”. Se wiwe, akaba yari umuvyeyi yirerana abana ari wenyene kandi na we nyene akaba ari Icabona, yaravyemeye maze arakora uko ashoboye kugira arabe ko yoronka umugwi w’abavyeyi hamwe n’abigisha bemera guhindura iyo porogarama. Ariko rero, bose bariyankiye. Uwo mwigeme akiri muto yafashe ingingo yo kutaja muri ivyo vyigwa. Muri uwo mwanya, yaca yigira kwamamaza yifatanije n’ishengero. Abo bigana baramuzomereye, bamwosha ngo ahebe ivyo kwamamaza ngo yongere ahebe n’iyo Mana yiwe. Bari bazi neza ko azoyoberwa mu bibazo. Yamara rero ibintu vyagenze ukundi. Uwo mugwi w’abanyeshure bagiye muri vya vyigwa warayobewe, ariko wa muvukanyikazi wacu akiri muto we aramenya. Uca wumva ko bimwe vyo kumuzomera vyaciye bihera. Ubu abanyeshure bamubwira bati: “Ukwiye kubandanya gukorera Imana yawe”.

Muri Repubulika y’Abaceke, umwigeme w’imyaka 12 yategerezwa gutegura incamake ashikiriza y’igitabu yobaye yasomye. Nyina wiwe yamuhimirije gukoresha ca gitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Iyo ncamake yayitanguje n’ibi bibazo: “Muvyibazako iki? Umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose yoba ari nde?”. Yaradondoye Yezu, ubuzima bwiwe aha kw’isi hamwe n’ivyo yigishije. Yaciye agira ico avuze ku kigabane gifise umutwe uvuga ngo “Icigwa mu vy’Uguharira Abandi”. Umwigisha wiwe yarikuguye ati: “Nanzi ngo wahora ugira incamake, iyi yo ni agakura!”, aca yakirana akamwemwe ikopi y’ico gitabu. Hari n’abandi banyeshure bigana bipfuje kuronka ico gitabu. Bukeye bw’aho, uwo mwigeme yaratanze amakopi 18 y’ico gitabu akamwemwe kamusya.

Abakiri bato nk’abo, bararonkera umunezero mu gushemeza Yehova kw’ishure. Twese turakwiye kwigana uwo mwete wabo wo mu buto.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika