Ingene Abashinwa bariko barafashwa muri Megizike
“ABANTU cumi bazova mu mahanga y’indimi zidahwanye, bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe” (Zekariya 8:23). Muri iki gihe, ubwo buhanuzi buhimbaye buriko buraranguka hirya no hino kw’isi. Abantu “[bava] mu mahanga y’indimi zidahwanye” bariko baragumya impuzu z’Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu kugira bifatanye na bo gusenga Yehova Imana. Ivyabona vya Yehova baritwararika cane iranguka ry’ubwo buhanuzi. Benshi muri bo bariko bariga urundi rurimi kugira ngo bagire uruhara mu gikorwa co kwamamaza kirangurwa kw’isi yose.
Ivyabona vya Yehova bo muri Megizike ntibasigaye inyuma. Ugereranije usanga muri Megizike haba abantu nka 30.000 bavuga igishinwa. Mu mwaka wa 2003, abantu 15 muri bo baritavye Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu cabereye mu gisagara ca Megiziko. Ku bw’ivyo, Ivyabona bo muri Megizike baciye babona yuko muri abo bantu bavuga igishinwa bo muri ico gihugu hashobora kuzoba iterambere ryo mu vy’impwemu. Kugira ngo haboneke abamamaji benshi bitwararika abo bantu bavuga igishinwa, haratunganijwe ivyigwa vy’amezi atatu kugira ngo Ivyabona b’Abanyamegizike bige uburyo bworoshe bwo gushikiriza inkuru nziza mu gishinwa c’ikimandarini. Ivyabona batanguye gukurikirana ivyo vyigwa, bose hamwe ni 25. Ivyo vyigwa birangiye, hari umutegetsi akomoka mu bantu bavuga igishinwa c’ikimandarini mu gisagara ca Megiziko yitavye ibirori vyo gushikiriza impapuro z’umutsindo, ivyo bikaba vyerekanye ico ivyo vyigwa bikora ku bantu bavuga igishinwa. Ishirahamwe rimwe ry’Abashinwa ry’aho hantu ryararihiye batatu muri abo banyeshure uburyo bwo kuja mu mahanga gukarisha ubwenge mu bijanye n’ururimi rw’igishinwa.
Ivyo vyigwa vy’ururimi vyari vyerekeye ingene rwokoreshwa mu buzima. Abanyeshure bamaze kwiga imvugo zimwezimwe nyamukuru, baciye ubwo nyene batangura kwamamaza mu gishinwa mu karere gakorerwamwo ubucuruzi mu gisagara ca Megiziko. Abo banyeshure b’abanyamwete batanguje inyigisho za Bibiliya 21. Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? kagizwe n’igisomwa canditswe hakoreshejwe uburyo bwo kwandika bwitwa pinyin bukoresha indome nk’izi zacu z’ikiromani, karafashije cane.
None, Ivyabona bari bagitangura ivyigwa vy’igishinwa, bashoboye gute kurongora inyigisho za Bibiliya? Mu ntango, bashobora gusa kuvuga ngo “Qing Du [Ndakwinginze usome ibi.]” maze bakereka umuntu ingingo asoma, hanyuma bakamwereka aho asoma ikibazo. Amaze gusoma ingingo akishura n’ikibazo mu gishinwa, baca bavuga ngo “Shei shei [Murakoze]” na “Hen Hao [Neza cane]”.
Hari umugore wo mw’idini ry’abiyita abakirisu yatanguye kugirirwa inyigisho nk’iyo. Bamaze kwiga incuro zitatu, Icabona yamwigisha yaribajije nimba koko uwo mugore atahura ivyo yiga. Ico Cabona yaciye ajana n’umuvukanyi ururimi kavukire rwiwe ari igishinwa. Uwo muvukanyi abajije uwo mugore nimba hari ikibazo afise, yaciye abaza ati: “Mbega, kugira mbatizwe vyoba bisaba ko ndinda kumenya kwoga?”.
Hataraca na kabiri, haratangujwe Inyigisho y’igitabu y’ishengero yitabwa n’abantu nka 9 bavuga igishinwa be n’Ivyabona nka 23 b’aho muri Megizike. Mu bitaba iyo nyigisho y’igitabu, harimwo umudogoteri w’Umushinwa yari yarahawe n’umukenyezi umwe wo mu bantu yavura, ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! mu rurimi rw’igisupanyoli. Kubera ko uwo mudogoteri atari azi gusoma igisupanyoli, yasavye umuntu umwe kumuhindurira imirongo mikeyi. Aho atahuriye ko ivyo binyamakuru bivuga ibijanye na Bibiliya, yaciye asaba uwo murwayi nimba yomuronsa ivyo mu gishinwa. Yarabimurondereye, maze biciye ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Megizike, haratunganywa ivy’uko Icabona avuga igishinwa amugendera. Mu Bushinwa, nyina w’uwo mudogoteri yari afise Bibiliya maze uwo mudogoteri agahimbarwa no kuyisoma. Igihe yafata ingingo yo kuja muri Megizike, nyina yamubwiye kutareka gusoma Bibiliya. Ni co gituma yari amaze igihe asenga asaba ko hogira umuntu amufasha kumenya vyinshi ku vyerekeye Imana na Bibiliya. Yatangaye ati: “Emwe, Imana yarumvise amasengesho yanje!”.
Abandi bitavye iyo nyigisho y’igitabu, ni Abashinwa bagize umuryango umwe wari wapangiye ivyumba vyo kubamwo umugore w’Umunyamegizike yigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Naho abo Bashinwa bagize uwo muryango batahura agasupanyoli gake cane, baraza bagakurikira ivyo biyago bishingiye kuri Bibiliya. Haciye igihe, barabajije Icabona yayoborera inyigisho uwo mugore nimba hari ibisohokayandikiro vyo mu gishinwa afise. Haciye igihe gito, baratanguye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya mu gishinwa. Hataraca na kabiri, abagize uwo muryango baraseruye icipfuzo co kubwira ubutumwa abo baturuka mu gihugu kimwe be no kwegurira ubuzima bwabo Yehova.
Ni ivy’ukuri yuko igishinwa ari ururimi rugoye kwiga. Ariko rero, nk’uko twabibonye mu vyabaye duhejeje kuvuga, bivuye ku mfashanyo ya Yehova, muri Megizike hamwe no mu yindi mihingo y’isi, abantu bavuga indimi nyinshi, harimwo n’igishinwa, bariko bariga ivyo Imana igomba.
[Ifoto ku rup. 17]
Ishure ryo kwiga igishinwa mu gisagara ca Megiziko
[Ifoto ku rup. 18]
Icabonakazi w’Umunyamegizike ariko arayobora inyigisho ya Bibiliya mu gishinwa
[Ifoto ku rup. 18]
Ubusuku bw’inzu ku nzu mu gishinwa, mu gisagara ca Megiziko