Ubwa mbere twarirukanywe, mu nyuma turakirwa
HARI umugabo umwe yitwa Santiago be n’umukenyezi wiwe Lourdes bimukiye mu gisagara kimwe co muri Peru giteye igomwe citwa Huillcapata, kugira babwire abantu baho ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro, ubu hakaba haciye imyaka mikeyi bimukiyeyo. Ariko rero, bataramara na kabiri muri ico gisagara, hari umupatiri yaje avuye i Cuzco maze arakoranya abantu bo muri ico gisagara. Uwo mupatiri yababuriye yuko kuba Ivyabona vya Yehova bari muri ico gisagara vyotumye hatera ikiza gitikiza inganda, hakagwa n’urubura rwinshi rwokwishe amasho yabo rukongera rugatikiza imirima yabo.
Abenshi baragiye ku mohe yiwe baremera ivyo vyitwa ngo ni ubuhanuzi, maze harahera amezi arenga atandatu ata muntu n’umwe muri ico gisagara yemeye kwigana Bibiliya na Santiago n’umugore wiwe Lourdes. Umutegetsi umwe wo muri ico gisagara yitwa Miguel, akaba yari icegera ca buramatari, yarirukanye Santiago na Lourdes agenda arabatera amabuye mw’ibarabara. Naho ibintu vyari vyifashe gutyo, bo bama ari abanyamahoro, bakama bigenza rukirisu.
Hashize igihe, hari abantu bo muri ico gisagara bemeye kwiga Bibiliya. Mbere na Miguel yarahinduye inyifato yiwe. Yaratanguye kwigana Bibiliya na Santiago, araheba kunywa inzoga zirenze urugero, maze arahinduka aba umuntu w’umunyamahoro. Miguel n’umukenyezi wiwe be na babiri mu bakobwa babo, bahavuye bakira ukuri kwo muri Bibiliya.
Ubu, muri ico gisagara hariho ishengero ry’Ivyabona vya Yehova riteye imbere. Miguel arahimbawe kubona menshi mu mabuye yateye Santiago na Lourdes atabagemye, kandi arakengurukira uwo mugabo n’umugore ku bw’akarorero keza berekanye ko kuba abanyamahoro.
[Ifoto ku rup. 32]
Agatima Santiago na Lourdes (abo bari aho haruguru) bagaragaje ko kuba abanyamahoro katumye Miguel (uwo ari aho hirya iburyo) ahindura umutima