ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/2 rup. 32
  • Ni akarorero keza mu vy’ukuba inzirabugunge

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni akarorero keza mu vy’ukuba inzirabugunge
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/2 rup. 32

Ni akarorero keza mu vy’ukuba inzirabugunge

NELMA akora akazi ko gutunganya imishatsi mu gisagara ca Cruzeiro do Sul co muri Berezile. Araherutse guhura n’ikigeragezo kijanye n’ukutadohoka kwiwe kwa gikirisu. Igihe umwuzure watera mu karere abamwo, umwe mu bakiriya biwe yaramuhaye agafashanyo k’impuzu. Ariko aratondanuza izo mpuzu, yagiye asanga mu mipfuko y’ipantalo imwe amadolari y’Abanyamerika ashika 1.000 (nk’umuliyoni w’amafaranga y’amarundi).

Ayo mahera Nelma yasanze muri iyo pantalo yangana n’ayo yokorera nko mu mezi indwi, kandi yari ayakeneye koko. Inzu yiwe bwite yari yarononywe na nya mwuzure, kandi se wiwe hamwe n’abo bavukana bari baratakaje vyinshi mu vyo bari batunze. Ayo mahera yari gushobora kumufasha gusanura iyo nzu yiwe yose igahera, mbere agasigarana n’ayo afashisha incuti ziwe. Ariko rero, kubera ko ijwi ryo mu mutima rya Nelma ryari ryaramenyerejwe na Bibiliya, ntiryamukundiye kuyagumya.​—Abaheburayo 13:18.

Bukeye kare mu gatondo, yagiye ku kazi imbere y’uko amasaha asanzwe yo gucuruza ashika maze arabonana na nya mugore yakora ivy’ugucuruza yari yaramuhaye imfashanyo y’impuzu. Nelma yaramushimiye ku mpuzu yamuhaye ariko aca yongerako yuko atoshobora kugumya ivyo yazisanzemwo. Emwe, ntiworaba ukuntu uwo mugore yanezerejwe no kubona aronse ayo mahera! Yari yayategekanirije kuyahemba abakozi biwe. Uwo mugore yavuze ati: “Abantu b’inzirabugunge, ntibahuta baraboneka”.

Tuvugishije ukuri, hari abobona yuko kuba inzirabugunge ata kintu kidasanzwe bimaze. Yamara, kuba inzirabugunge ni kamere ihabwa agaciro kanini n’abantu bihatira guhimbara ya Mana y’ukuri Yehova (Abanyefeso 4:25, 28). Nelma yavuze ati: “Mw’ijoro, sinari gutora n’ak’imbwa iyo ntayasubiza”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika