ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/5 rup. 32
  • “Ni kubera iki ga Mukama, wagumye winumiye?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ni kubera iki ga Mukama, wagumye winumiye?”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/5 rup. 32

“Ni kubera iki ga Mukama, wagumye winumiye?”

AYO ni amajambo yavuzwe na Papa Benedigito wa 16 ku wa 28 Rusama 2006, igihe yari yagendeye ahahoze ari ikambi y’itunatuniro i Auschwitz, muri Polonye. Ari aho hantu Abanazi biciye abantu ibihumbi amajana n’amajana vy’Abayahudi be n’abandi, yongeyeko ati: “Ese ukuntu umuntu yibaza ibibazo vyinshi ageze muri iki kibanza! Umuntu aguma yibaza ati: None muri ico gihe Imana yari he? Ni kubera iki yagumye yinumiye? Ni kubera iki ireka hakaba ubu bwicanyi budahera, ikibi kikaba ari co kinesha? . . . Dutegerezwa kubandanya dutakambira Imana twicishije bugufi yamara dushimitse, tuvuga duti: Gira ico ukoze Mana! Ntiwibagire abantu, abo waremye!”.

Iryo jambo papa yashikirije ryatumye abantu batari bake bagira ico barivuzeko. Bamwebamwe babonye ko hari ivyo atashatse kuvuga, nk’akarorero ivyerekeye kwa kurwanya Abayahudi kwari gufitaniye isano n’amabi y’agahomerabunwa yakorewe i Auschwitz. Abandi na bo babonye ko mu kuvuga ayo majambo papa yagerageje gufatira mu rwara amajambo yo gusaba ikigongwe ku vyaha Ekeleziya yakoze, ayari yavuzwe na Papa Yohani Paulo wa kabiri. Umumenyeshamakuru w’umugatolika yitwa Filippo Gentiloni, yavuze ati: “Ariko rero, vyari ivyumvikana kubona abenshi mu bagize ico bavuga kuri iryo jambo, igihe bari bahanganye n’ikibazo kigoye cerekeye iyo Imana yari iri, ikitararonka inyishu n’ubu, barasavye ko hopfuma hatangwa inyishu y’ikibazo coroshe gusumba ico, na co kikaba ari iki: Papa Piyo wa 12 yari he?”. Abo bantu bariko berekeza ku kuntu Papa Piyo wa 12 yagumye yinumiye mu gihe ca rya tikizwa ry’Abayahudi.

Iryo tikizwa ry’Abayahudi be n’ibindi bikorwa vyose vy’ihonyabwoko vyagiye birakorwa muri kahise, birerekana neza yuko “umuntu umwe [yagize] ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi” (Umusiguzi 8:9). Vyongeye, Umuremyi w’abantu ntiyagumye yinumiye mu gihe ayo mabi ateye ikinya yariko arakorwa. Yarasiguye muri Bibiliya igituma areka ubukozi bw’ikibi bukaba. Imana kandi yaradukuye amazinda yuko itibagiye abantu. Nkako, igihe Imana yabaye irareka abantu ngo bitegeke ubwabo kirimirije kurangira (Yeremiya 10:23). Woshima kumenya vyinshi ku bijanye n’umugambi Imana idufitiye? Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha kuronka inyishu Bibiliya itanga ku bibazo vyazazaniye Papa Benedigito wa 16.

[Abo dukesha ifoto on Page 32]

Oświęcim Museum

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika