ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/6 rup. 32
  • Ububasha bw’ururimi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ububasha bw’ururimi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/6 rup. 32

Ububasha bw’ururimi

URURIMI rw’umusumbaremba rureha na santimetero 45, rukaba rubangutse cane kandi rukomeye ku buryo rushobora guhurutura amababi ku mashami y’ibiti. Ururimi rwa ca kimizi gisa n’ubururu (bita baleine bleue) rufise uburemere bungana n’ubw’inzovu imwe. Iyumvire nawe inguvu bisaba ico kimizi kugira ngo gishobore gukoresha urwo rurimi!

Ururimi rw’umuntu rworwo rusa n’aho ata co ruvuze uravye ukuntu rungana, uburemere bwarwo be n’inguvu rufise. Yamara, rufise ububasha bwinshi cane. Ku vyerekeye ako gahimba gatoyi k’umubiri w’umuntu, Bibiliya ivuga iti: “Urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bg’ururimi” (Imigani 18:21). Nkako, ni kangahe tumaze kwumva ururimi rw’umuntu, urufise ububasha bwo kwica, rukoreshwa mu kuremarema ibinyoma be no mu gusūra ibitari vyo, ivyatumye abantu ata co bazira bahacumukurira, mbere n’ugupfa bagapfa?

Muri ubwo buryo nyene, ubucuti abantu bari bamaze igihe kirekire bafitaniye bwaratosekajwe n’amajambo ababaza. Hari n’abavunywe umutima n’amajambo ataranga ubuntu. Wa mugabo Yobu yacokorwa ata co azira, yatatse ati: “Muzogeza hehe kubabaza umutima wanje, mukamvunaguza amagambo yanyu?” (Yobu 19:2). Umwigishwa Yakobo yarerekanye mu buryo butomoye ububasha bwo kwonona ururimi rudacungerewe rushobora kugira, mu kuvuga ati: “Ururimi . . . [ni] urugingo rutoya, rukirarira ibikomeye. Rāba ishamba, naho ryoba rinini rite, ridomekwa n’akariro gake. Ururimi [ni] umuriro”.​—Yakobo 3:5, 6.

Yamara rero, ububasha ururimi rufise burashobora kandi gukiza ubuzima. Amajambo avuganywe ikibabarwe kandi yirura yaratumye bamwebamwe bareka kwicwa n’intuntu, abandi na bo barareka kwiyahura. Impanuro nziza zakurikijwe, zaratumye abahora bafata ibiyayuramutwe benshi be n’inkozi z’ikibi zo mw’ibarabara badakubiranywa n’urupfu. Mu vy’ukuri, ururimi rw’umugororotsi ni “igiti c’ubugingo” kandi “ijambo rivuzwe mu buryo bubereye [rimeze] nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza”.​—Imigani 15:4; 25:11.

Ariko rero, uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gukoresha neza ururimi ni ugushemeza Yehova Imana, ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana n’ukwigisha abandi ukuri kw’agaciro kwo muri Bibiliya. Uti kubera iki? Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo”.​—Yohana 17:3; Matayo 24:14; 28:19, 20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika