ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/6 rup. 32
  • “Woba uzi izina ry’Imana?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Woba uzi izina ry’Imana?”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/6 rup. 32

“Woba uzi izina ry’Imana?”

ICO kibazo caratumye umugore umwe wo mu karere ko mu Bumanuko bushira Uburengero bwa Aziya yo Hagati ashimishwa. Ico kibazo kiboneka ku gipfukisho c’ikinyamakuru kigenzi c’iki, ari co Réveillez-vous!, yasohowe ku wa 22 Nzero 2004 (mu kirundi ni Be maso!, yo muri Ndamukiza-Ruheshi 2004). Uwo mugore yandikiye abagisohoye ati: “Ngikubita ijisho ico kinyamakuru canyu, naragishimye cane, kandi caramfashije kwitaho ivyerekeye ingingo ngenderwako nziza zigenga inyifato runtu. Ubu nsigaye mbona ubuzima mu buryo burushirije kuba bwiza. Ndiko ndabwira uwo ari wese ivyerekeye Imana yacu be n’ibijanye n’amahoro umuntu agira biciye kuri ubwo bumenyi”.

Mu mihingo myinshi, eka mbere “no gushitsa ku mpera y’isi”, abantu bariko baramenya izina ry’Imana, ari ryo Yehova (Ivyakozwe n’intumwa 1:8). Nk’akarorero, iryo zina Yehowa mu rurimi rw’ikinyaturukimeniya, biroroshe kurisanga mu mpinduro y’Ivyanditswe Vyeranda y’ikinyaturukimeniya. Muri urwo rurimi, muri Zaburi 8:1 havuga ngo: “Yehova Umukama wacu, ese ukuntu izina ryawe rihambaye mw’isi yose!”.

Niba wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye Yehova Imana, woshobora gusaba Icabona ca Yehova akakuronsa igitabu citwa Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika