ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/7 rup. 32
  • Ivyigwa bihambaye ku bakiri bato

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyigwa bihambaye ku bakiri bato
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/7 rup. 32

Ivyigwa bihambaye ku bakiri bato

UWITWA Gladys akora kw’ishure rimwe ry’i Mendoza muri Arijantine. Umusi umwe yaciye iruhande y’isomero maze abona umwigisha ariko arasomera abanyeshure biwe bafise imyaka iri hagati y’icenda n’icumi igitabu gifise umutwe uvuga ngo Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliyaa. Gladys yaciye abwira uyo mwigisha ko ari Icabona ca Yehova maze amusaba ko yomwereka ukuntu umuntu yokwungukira cane kuri ico gitabu. Uwo mwigisha yarakozwe ku mutima cane n’ivyo Gladys yamusiguriye mbere aca ashima ko ico gitabu coja mu rutonde rw’ivyigwa yigisha. Mugabo yari akeneye uruhusha ruvuye ku bayobozi b’iryo shure. Ese ukuntu yanezerewe igihe yaruronka!

Mu nyuma, ku musi iryo shure ryari ryarahariye ugusoma ibitabu, uwo mwigisha yasavye abanyeshure biwe gusomera abandi banyeshure ikigabane kinaka co muri nya gitabu. Kubera yuko iyo porogarama yashimwe cane, uwo mwigisha yaciye aba umutumire w’ikiganiro cerekanwa kuri televiziyo yo muri ako karere. Igihe bariko bavuga ivyerekeye inyifato y’abanyeshure, umumenyeshamakuru yamubajije ati: “Ubigenza gute kugira ngo abana wigisha bagumane inyifato ibereye?”. Uwo mwigisha yishuye yuko akoresha igitabu gifise umutwe uvuga ngo Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Yasiguye yuko naho ataba ariko yigisha abanyeshure biwe ivy’idini, ko biciye kuri ico gitabu yariko arabatsimbatazamwo kamere zijanye n’inyifato runtu nk’ukwubaha, ukwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi, kugiranira ubumwe, gusenyera ku mugozi umwe, kugamburuka be n’ugukundana. Abari aho bose bariyemereye ko ivyo vyari ivyigwa bihambaye abakiri bato bakwiye kwiga.

Woba wipfuza gutsimbataza kamere nk’izo mu bana bawe? Urashobora gusaba Icabona ca Yehova ico gitabu ciza utoraba gifise umutwe uvuga ngo Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya.

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika