ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/12 rup. 3
  • Ubumwe bw’isi bwoba bushoboka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubumwe bw’isi bwoba bushoboka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Umuryango wa Yehova Urinovora Iyungabumwe ry’Agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Zigama Iyungabumwe Muri Ino Misi Y’iherezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Abantu bo hirya no hino kw’isi bariko bunga ubumwe gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ubumwe ni bwo buranga ugusenga kw’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/12 rup. 3

Ubumwe bw’isi bwoba bushoboka?

ISI yacu yoba yimirije amahoro canke yimirije gushikirwa n’ivyago? Biboneka yuko kimwe cose muri ivyo vyiyumviro hari aboshobora kugishigikira.

Ku ruhande rumwe, abatware b’isi bamwebamwe baravugana ukujijuka yuko amahoro akwiye hose ari umugambi ushoboka, kumbure kubera ko badashaka no kwumva ko bitoshoboka, kuko bibaye ukwo vyoba ari agahomerabunwa. Ku rundi ruhande, benshi barahagarikwa umutima n’ibibazo nk’ibi ngo: Ni ibihugu ibihe bifise ibirwanisho ruhonyanganda? Vyoba bizokwubahuka kubikoresha? Ni ibiki bizoshika ivyo bihugu nivyabikoresha?

Kahise kerekana ko ugukebana be n’amacakubiri ari vyo bintu bimaze igihe bituma ata cizigiro na kimwe co kwunga ubumwe gishoboka, kandi kenshi amadini ni yo ahanini yegenyeza uwo mucanwa aho gusukamwo mabisi. Umumenyeshamakuru umwe yitwa James A. Haught yandika ati: “Ikintu cose gitera amacakubiri mu bantu kirashobora gutuma batana mu mitwe, kandi idini ni ryo nkwezi nyamukuru y’amacakubiri. Naho vyemerwa hose ngo idini rituma abantu baba beza, biribonekeza ko ari ryo ahubwo rituma bamwebamwe bakora ibintu vy’agahomerabunwa”. Umwanditsi yitwa Steven Weinberg na we nyene abona ibintu muri ubwo buryo. Yandika ati: “Kugira ngo abantu beza bakore ikibi, biva kw’idini”.

Hoba hariho icizigiro c’uko isi yacu izoteba ikunga ubumwe? Egome! Ariko nk’uko tuza kubibona, abantu canke amadini yashinzwe n’abantu si vyo bizotuma isi yunga ubumwe.

[Ifoto ku rup. 3]

Isi yoba imeze nk’igerenade ishobora guturika?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika