Niwigishe abana bawe
Karipfuje kugira ico gafashije
OBA urigera ubona umuntu arwaye cane?— Woba waripfuje kugira ico ukoze kugira ngo umufashe?— Gute hoho iyo aza kuba ari uwo mu gihugu gitandukanye n’icawe canke mw’idini ritandukanye n’iryo urimwo? Woba wari kugumana ico cipfuzo co kumufasha kugira ngo atore ka mitende?— Ivyo ni vyo akigeme kamwe kaba mu gihugu ca Isirayeli kagize, ubu hakaba haheze imyaka hafi 3.000. Reka tuyage ibijanye n’ivyabaye ico gihe.
Haguma haba intambara hagati y’abantu baba mu gihugu ca Isirayeli ya kera, aho hakaba ari ho ako kigeme kaba, be n’abantu bo mu gihugu kibanyi ca Siriya. (1 Abami 22:1) Umusi umwe Abanyasiriya baraza muri Isirayeli maze bagafata mpiri ako kigeme. Karatwarwa i Siriya, aho gacika agasukukazi k’umugore wa Namani, uno akaba ari umukuru w’ingabo z’i Siriya. Namani ararwaye indwara mbi cane yitwa imibembe, ino ikaba ishobora gutuma inyama zimwezimwe z’umuntu zimuvako zigatibagurika.
Ako gasukukazi karabwira umugore wa Namani ukuntu umugabo wiwe ashobora gukira iyo ndwara. Kavuga gati: ‘Iyaba Namani yari i Samariya, Elisa umuhanuzi wa Yehova yoshoboye kumukiza iyo mibembe yiwe.’ Uburyo ako gasukukazi kigana ivyerekeye Elisa buratuma Namani yemera yuko uwo muhanuzi yoshobora vy’ukuri kumukiza. Amaze guhabwa uruhusha na Beni-hadadi umwami w’i Siriya, Namani ari kumwe n’abasuku nka bangahe, barafata urugendo rurerure rw’ibilometero nka 150 bakaja kurondera Elisa.
Babanza kuja kwa Yehoramu umwami wa Isirayeli maze bakamwereka icete Umwami Beni-hadadi yanditse asaba ko bofasha Namani. Yamara Yehoramu ntiyizera Yehova canke uwo muhanuzi Elisa. Yehoramu yiyumvira ko Beni-hadadi ariko agerageze kumusomborotsa ngo barwane. Elisa yumvise iyo nkuru, abwira Umwami Yehoramu ati: “N’aze i wanje.” Elisa yipfuza kwerekana ububasha bw’Imana mu gukiza Namani iyo ndwara yiwe mbi.—2 Abami 5:1-8.
Igihe Namani ashika i muhira kwa Elisa ajanye n’amafarasi yiwe be n’imikogote yiwe, Elisa ararungika intumwa ngo imubwire iti: ‘Utegerezwa kwiyuhagira incuro indwi mu Ruzi Yorodani, maze uzoca ukira.’ Ivyo birashavuza Namani. Yari yiteze ko Elisa asohoka akazungagiza ukuboko hejuru y’iyo mibembe yiwe maze igaca ikira. Aho kubona ivyo, abona gusa iyo ntumwa. Ku bw’ivyo, Namani arivumbura ashavuye cane maze agahindukira kugira ngo asubire iwabo.—2 Abami 5:9-12.
None wewe wari gukora iki iyo uba umwe muri ba basuku ba Namani?— Urabona, abo baca bamubaza bati: ‘Iyo Elisa agusaba gukora ikintu kigoye, ntiwari kugikora? None rero ni kubera iki utokora ico kintu gisanzwe, kwiyuhagira gusa maze ugaca uhumanuka?’ Namani arabumvira. “Aramanuka, [agatangura kwibira] muri Yorodani ibihetangabo ndwi . . . ako kanya umubiri wiwe [uca urahinduka] nk’uw’umwana mutoya.”
Namani arasubira kwa Elisa maze akamubwira ati: “Noneho ndamenye kw ata yindi Mana iriho mw isi yose, atari mu Bisirayeli.” Aca asezeranira Elisa ko atazokwigera asubira ‘kwosereza ikimazi izindi mana canke ngo azihe ikindi kimazi ico ari co cose, atari Yehova wenyene.’—2 Abami 5:13-17.
None woshima gufasha umuntu kwiga ivyerekeye Yehova ukongera ukamubwira ivyo ashobora gukora, nk’ukwo ako kigeme kabigize?— Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, hari umuntu yari arwaye imibembe yamwizeye maze amubwira ati: ‘Nimba vy’ukuri ubishaka, urashobora kumfasha.’ Woba uzi ico Yezu yamwishuye?— Yamubwiye ati: “Ndabishaka.” Kandi Yezu yaramukijije, nka kumwe nyene Yehova yakiza Namani.—Matayo 8:2, 3.
Woba uzi ivyerekeye ya si nshasha Yehova azozana, iyo abantu bazobamwo bafise amagara meza kandi bakazoshobora kuyibamwo ibihe bidahera?— (2 Petero 3:13; Ivyahishuwe 21:3, 4) Nta nkeka rero ko wokwipfuza kumenyesha abandi ivyo bintu vyiza igitangaza!