ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/9 rup. 3
  • Woba uzi So wawe wo mw’ijuru?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uzi So wawe wo mw’ijuru?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Umuvyeyi wacu Yehova aradukunda cane
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Woba ubona ko Yehova ari So wawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba uzi Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • ‘Umwana aragomba guhishura Se’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/9 rup. 3

Woba uzi So wawe wo mw’ijuru?

UZI so wawe ukungana iki? Nimba wakuriye mu muryango urangwamwo urukundo, ico kibazo coshobora gusa n’ikitumvikana. Woshobora kwishura uti: ‘Emwe, ndamuzi neza!’ Mu vy’ukuri, abantu nka bose barazi ivyo ba se babo bakunda n’ivyo banka, ukuntu bavyifatamwo mu bihe binaka be n’ukuntu bitwararika imiryango yabo.

Ariko rero, bishobora kuba vyarashitse ugatangazwa no kubona umuce wa kamere ya so wawe utari witeze na gato. Nk’akarorero, umwana yoshobora kuba azi ko se wiwe ari umuntu atekanye kandi yitonda, gushika hadutse ikintu gituma hakenerwa gutabara vyihuta. Bukwi na bukwi, agiye abona se wiwe acika umuntu adafyina kandi ashikamye mu gukingira umuryango wiwe.

Tuvuge iki ku bijanye n’Umuremyi wacu? Ku bimwerekeye, tubwirwa duti: “Muri [we ni] ho dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho.” (Ibikorwa 17:28) Ubuzima bwacu tubukesha Imana, muri ubwo buryo akaba ari Umuvyeyi w’abariho bose. (Yesaya 64:8) Kumbure ukwo ni ko wiyumva ku bijanye n’Imana, kandi ivyo ni vyiza bikaba binabereye. Ariko rero, hariho ibindi bintu vyinshi dukwiye kumenya no kwiga ku vyerekeye Imana, kandi kubigira biratugirira akamaro bikongera bikaduhimbara.

Ukuntu wiyumva ku bijanye na so wawe wo kw’isi be n’icubahiro umufitiye bivana n’urugero ushikanako mu kumumenya. Muri ubwo buryo nyene, uko urushiriza kumenya Imana, ni ko ubucuti wewe ubwawe ufitaniye na yo buzorushiriza gukomera. Umenye neza Imana ukongera ukiga gukora ivyo igomba, irashobora kugufasha mu bigeragezo be no mu ngorane bigushikira mu buzima.

Imana imeze gute? Kamere zayo zikwiye kugira ico zikoze gute ku kuntu wiyumva ku biyerekeye? Kuyimenya vyoba bituma hari amabanga manaka uzezwa? Inyishu z’ivyo bibazo urazironka mu kiganiro gikurikira.

[Ifoto ku rup. 3]

Urugero ushikanako mu kumenya abandi rurashobora kugira ico rukoze ku kuntu wiyumva ku biberekeye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika