ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/9 rup. 32
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya yigisha iki ku bijanye no kuvuga mu zindi ndimi?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kuvuga izindi ndimi vyoba biva ku Mana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ugukiza ku gitangaro kwose kugirwa kwoba kuva ku Mana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/9 rup. 32

Ibibazo vy’abasomyi

Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaheburayo, yaravuze ivy’“ukurambikwako ibiganza.” Yoba none yariko avuga ivyo kugena abakurambere, canke yariko avuga ikindi kintu?​—Heb. 6:2.

Nta mvo ihari yotuma tuvyemeza, ariko birashoboka ko Paulo yariko avuga ivy’ukurambika ibiganza ku muntu mu buryo bwo gutanga ingabirano z’impwemu.

Bibiliya iravuga ivy’ukurambika ibiganza ku bantu bifitaniye isano no kubagena mu buryo bwa gitewokarasi. Musa ‘yararambitse ikiganza’ kuri Yosuwa igihe yamugena ngo abe ari we amusubirira. (Gus. 34:9) Mw’ishengero rya gikirisu, abagabo bamwebamwe bakwije ibisabwa baragenywe mu kurambikwako ibiganza. (Ibik. 6:6; 1 Tim. 4:14) Paulo yaratanze impanuro abuza ivy’ukurambika ibiganza gihutihuti ku muntu.​—1 Tim. 5:22.

Ariko rero, Paulo yahimirije abakirisu b’Abaheburayo ‘gutera baja imbere bagana ku buhumure,’ kuko ico gihe bari bararenganye “inyigisho y’intango.” Yaciye andondagura ibi: “Ukwigaya ibikorwa bipfuye, . . . ukwizera Imana, inyigisho y’ivy’amabatisimu be n’ivy’ukurambikwako ibiganza.” (Heb. 6:1, 2) None ukugenwa kw’abakurambere coba ari ikintu gusa c’intango abakirisu bakwiye gutera imbere baganako? Oya. Kuba umukurambere w’ishengero ni umugambi abavukanyi bahumuye mu vy’impwemu barondera gushikako, bamaze kuwushikira bakabona ko ari ibanga bakwiye guha agaciro.​—1 Tim. 3:1.

Ariko ivy’ukurambika ibiganza ku muntu vyarakoreshwa mu bundi buryo. Mu kinjana ca mbere, Yehova yarahevye Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri ngo ntibabe abasavyi biwe, aca acagura Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ishengero ry’abakirisu basinzwe. (Mat. 21:43; Ibik. 15:14; Gal. 6:16) Ingabirano z’impwemu zo gukora ibitangaro, nko kuvuga mu ndimi, zaratanze ikimenyamenya c’ico kintu cari cahindutse. (1 Kor. 12:4-11) Igihe Koruneliyo be n’abo mu rugo rwiwe bacika abizera, abo bantu bashasha mu kwizera barahawe impwemu nyeranda, nk’uko babigaragaje mu ‘kuvuga mu ndimi.’​—Ibik. 10:44-46.

Rimwe na rimwe, ingabirano zo gukora ibitangaro zaratangwa biciye ku kurambika ibiganza ku muntu. Igihe Filipo yakwiragiza inkuru nziza i Samariya, abantu benshi barabatijwe. Inama nyobozi yaciye irungikayo intumwa Petero n’intumwa Yohani. Kubera iki? Dusoma duti: ‘Maze [abo babiri] bararambika ibiganza [ku bantu baheruka kubatizwa], hanyuma batangura kuronka impwemu nyeranda.’ Ivyo bitegerezwa kuba vyasigura ko baronse ingabirano y’impwemu, ubwo bukaba bwari ubushobozi n’abandi bashobora kubona. Ivyo turabizi kubera ko Simoni, uwari yahoze agira ivy’amageza, yabonye ukwo kuntu impwemu yariko irakora, n’umwina n’akantu agaca arondera kugura ubwo bushobozi bwo kurambika ibiganza ku bandi kugira ngo abahe impwemu nyeranda iheze itume na bo bashobora gukora ibitangaro. (Ibik. 8:5-20) Mu nyuma, abantu 12 b’i Efeso barabatijwe. Dusoma duti: “Aho Paulo abarambikiyeko ibiganza, impwemu nyeranda iza kuri bo, batangura kuvuga mu ndimi no kuvuga ubuhanuzi.”​—Ibik. 19:1-7; gereranya na 2 Timoteyo 1:6.

Ku bw’ivyo rero, biboneka ko mu Baheburayo 6:2, Paulo yariko avuga ivy’ukurambika ibiganza ku muntu mu buryo bwo guha ingabirano z’impwemu abashasha mu kwizera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika