Abasomyi bacu barabaza . . .
Abantu bose boba bafise uturyo tungana two kumenya Imana?
▪ Igihe babaza Yezu ibwirizwa riruta ayandi yose iryo ari ryo, yavuze ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.” (Matayo 22:37) Ariko imbere y’uko abantu bakunda Imana, barakeneye kuronka ubumenyi butarimwo amakosa buyerekeye. (Yohani 17:3) None abantu bose boba bazoronka uturyo tungana two kuronka ubwo bumenyi?
Isôko nyamukuru ry’ubumenyi bwerekeye Imana ni Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16) Abantu benshi usanga baba ahantu bitagoye kuronka Bibiliya. Abo bantu nyene boshobora kuba bamaze kuremeshwa incuro n’izindi kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana biciye ku kwiga Bibiliya. (Matayo 28:19) Bamwebamwe usanga bifitiye abavyeyi bakirisu babakunda babaha uko bukeye uko bwije akaryo ko kwiga ivyerekeye Imana.—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7; Abanyefeso 6:4.
Ariko abandi ntiborohewe nk’abo. Bamwebamwe bava mu miryango ibafata nabi, aho usanga abavyeyi ata gishika bafitiye abana babo. (2 Timoteyo 3:1-5) Abarerewe mu miryango nk’iyo vyoshobora kubagora kubona ko Imana ari Umuvyeyi yuzuye urukundo wo mw’ijuru. Abenshi usanga batashoboye kuronka inyigisho zikwiye kw’ishure, bigatuma badashobora gusoma neza Bibiliya. Hari n’abandi imizirikanyi yabo yahumwe n’inyigisho z’ikinyoma z’amadini, canke baba mu miryango, mu kibano canke mu bihugu aho usanga ivyo kwigisha ukuri kwa Bibiliya vyiyamirizwa. (2 Abakorinto 4:4) None abantu ivyabo vyifashe gutyo, vyoba bidashoboka ko baronka akaryo ko kwiga ivyerekeye Imana maze bakayikunda?
Yezu yariyemereye ubwiwe yuko ibintu bitoroshe abantu bamwebamwe bahangana na vyo bizotuma bitaborohera gukunda Imana no kuyigamburukira. (Matayo 19:23, 24) Ariko rero, yaribukije abigishwa biwe yuko ‘ku Mana vyose bishoboka’ naho intambamyi zimwezimwe zisa n’izirengeye abantu.—Matayo 19:25, 26.
Rimbura ibintu bikurikira: Yehova Imana yaritayeho ivy’uko Ijambo ryiwe Bibiliya riba co gitabu gikwiragiye kuruta ibindi vyose vyigeze kubaho. Bibiliya yari yaravuze yuko inkuru nziza yerekeye Imana n’umugambi ifitiye isi yokwamamajwe “mw’isi yose.” (Matayo 24:14) Muri iki gihe Ivyabona vya Yehova baramamaza iyo nkuru nziza mu bihugu birenga 230, bagasohora n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi nka 500. Mbere n’abadafise Bibiliya barashobora kwiga ibitari bike ku vyerekeye Imana y’ukuri mu kwitegereza ivyo yaremye.—Abaroma 1:20.
Vyongeye, Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona.” (1 Ngoma 28:9) Ku bw’ivyo, naho Yehova adasezerana yuko umuntu wese azoronka uturyo neza na neza tungana n’utw’abandi bose, aritaho ivy’uko abantu bose b’imitima nziraburyarya baronka akaryo ko kwiga ivyerekeye Imana. Mbere azokwitaho kuronsa ako karyo abatigeze bakaronka, mu kubazura ngo babe mw’isi nshasha igororotse.—Ibikorwa 24:15.