Ivyo mu bushinguro bwacu
‘Yatumye nsa n’uwibonekeje’
Igihe umwamamaji w’igihe cose yitwa Charlotte White yashika i Louisville i Kentucky muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ariko arasunika ivalisi iri ku kantu kameze nk’agakinga, abantu benshi baramutamariye.
HARI mu mwaka wa 1908, akaba ata gukeka ko uwo mushiki wacu White yatumye abantu bo muri ico gisagara bamutamarira kubera ikintu yari afise cari giherutse kwuburwa, na co kikaba cari Ivalisi yitiriwe igitabu Aurore. Yavuze ati: “Yatumye abantu bagira ico bavuze, yongera ituma nsa n’uwibonekeje.”
Abatohoji ba Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe, barabonye ko bikenewe yuko babwira abandi ukuri kw’agaciro bari baramenye mu kwiga Ivyanditswe babigiranye umwete. Benshi bari bararonse ubumenyi bwo muri Bibiliya biciye ku rukurikirane rw’ibitabu rwari rufise umutwe uvuga ngo Aurore du Millénium (rukaba rwahavuye rwitwa Études des Écritures). Abo bakirisu baremeye kugira ingendo za kure, baca mu bisagara, mu bigwati, no mu turere two mu gihugu hagati, bashikiriza ivyo bitabo vyavugwa ko ‘bifasha kwiga Bibiliya’ abandi bantu baba bashashaye kubisoma.
Mu 1908, mushiki wacu White be n’abandi bamamaji b’Ubwami b’abanyamwete bari kugurisha ivyo bitabu bitandatu bifise igipfukisho c’igitambara ku madolari y’Abanyamerika 1,65 (ni ukuvuga nk’amarundi 2.000). Aho guca baha ivyo bitabu abo basanze ku mihana, barandika ivyasabwe maze bakagaruka mu nyuma, akenshi bakaba baza ku musi wo guhembwa, kugira ngo babitange ku giciro gitoyi gikwiranye n’ayo kubicapura. Hari umuntu umwe yarwanya ukuri yidoze avuga yuko abantu baterera uduhera dukeyi igihe bahawe ivyo bitabu!
Malinda Keefer aribuka ko yandika ibitabu yaba yasabwe ku ndwi, agasanga biri hagati y’amajana abiri n’amajana atatu. Mugabo kuba abantu benshi barashimishijwe n’ico gitabu vyatumye havyuka ingorane. Nkako, igitabu ca gatandatu conyene cari gifise impapuro 740! Umunara w’Inderetsi wavuze ko “ibitabu mirongo itanu [vyapima] ibilo 18,” ivyo bikaba vyatuma gushira abantu ivyo baba basavye biba “umuzigo uremereye birenze urugero,” na canecane kuri bashiki bacu.
Kugira ngo umuvukanyi James Cole atorere umuti iyo ngorane ijanye no gushikiriza ivyo bitabu, yarakoze akantu gashobora kuzingwa kariko amapine abiri bafatishako ivalisi bakoresheje utuntu tumeze nk’imisumari. Kubera ko bitari bikiri ngombwa ko biremeka amakarato yuzuye ibitabu aremereye, nyene gukora ako kantu ubwiwe yavuze ati: “Sinkivunika ibitugu.” Yaramenyesheje ibijanye n’ico gikoresho gishasha abantu bahimbawe bari kw’ihwaniro ry’abatohoji ba Bibiliya ryabereye i Cincinnati muri Ohio mu 1908. Kuri buri mpera y’icuma gitambitse gica hejuru y’amapine, hari handitseko ngo Ivalisi yitiriwe igitabu Aurore, kuko ahanini ico gikoresho catwara ibitabu Aurore du Millénium. Umuntu afashe akanya gatoya ko kwimenyereza, gutwara ivalisi yuzuye ibitabu vyaca biba ikintu coroshe ashobora gukoresha ukuboko kumwe. Ico gikoresho carashobora kugirwa kigufi canke kirekire, kandi amapine yaco yarashobora guca mu mabarabara y’ibivu. Umuntu amaze umusi mu busuku, yarashobora kuzingira amapine kuri iyo valisi mu mbavu mu gihe yaba agira asubire i muhira n’amaguru canke n’igariyamoshi.
Bashiki bacu baba bari mu murimo w’igihe cose barashobora guhabwa ku buntu Ivalisi yitiriwe igitabu Aurore. Ahandiho ico gikoresho cagurwa amadolari y’Abanyamerika 2,50 (ni ukuvuga nk’amarundi 3.000.) Mushiki wacu Keefer, ari na we yerekanywe ng’aha, yari azi gukoresha neza ico gikoresho ku buryo yashobora gusunika ivalisi yuzuye ibitabu n’ukuboko kumwe, mu kundi na ho afise iyindi sakoshi y’ibitabu. Kubera yuko yaronka abantu benshi bashimishwa n’ukuri mu gisagara kimwe cacukurwamwo ubutare c’i Pennsylvania muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yaragira ingendo zitatu canke zine ajabuka ikiraro ku musi wo gutanga ivyo bitabu.
Mu mpera z’imyaka ya 1980, hari umudereva w’indege yakoze ivalisi y’amapine, nka zimwe zikunda kuboneka ku bibuga vy’indege no ku mabarabara yo mu bisagara arimwo uruja n’uruza. Mugabo mu myaka nk’ijana iheze, birashoboka ko abatohoji ba Bibiliya b’abanyamwete bahimbarwa n’ukuntu abantu bari bashashaye kumenya ivyabo babihweza igihe baba bariko barasunika mu buryo butuma bibonekeza amavalisi yabo yitiriwe igitabu Aurore, bagenda barakwiragiza imburo z’agaciro zerekeye ukuri kwo muri Bibiliya.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 32]
Mushiki wacu Keefer yaragira ingendo zitatu canke zine ajabuka ikiraro ku musi wo gutanga ibitabu
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 32]
Karatoreye umuti ingorane yari ijanye no gushikiriza igitabu Aurole