ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 4 rup. 5
  • Yararokotse naho bayirwanije

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yararokotse naho bayirwanije
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Bibiliya yadushikiriye
    Be maso!—2007
  • Barakunze Ijambo ry’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ijambo ry’Imana Rigumaho Ibihe Bidashira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Yehova ni Imana iyaga n’abasavyi bayo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 4 rup. 5

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA YARASIMVYE IMANGA

Yararokotse naho bayirwanije

INTAMBAMYI: Hari abategetsi n’indongozi z’idini bari bafise imigambi iteye kubiri na Bibiliya. Kenshi barakoresha ubukuru bafise bakabuza abantu gutunga Bibiliya, kuyisohora canke kuyishira mu rundi rurimi. Ng’ubu uburorero bubiri:

  • Nko mu 167 imbere ya Kristu: Umwami Antiochus Épiphane, uwagerageje guhata Abayuda ngo binjire mw’idini ry’Abagiriki, yategetse ko amakopi yose y’Ivyanditswe vy’igiheburayo (Isezerano rya kera) aturirwa. Umuhinga mu vya kahise Heinrich Graetz avuga ko abakozi b’uwo mwami “batabaguye bongera baraturira imizingo y’Itegeko [ry’Abayuda] aho bayisanze hose, barica n’abo bose bayisoma bayironderamwo indemesho n’impumurizo.”

  • Hagati y’umwaka wa 500 n’uwa 1500 inyuma ya Kristu: Hari indongozi za Ekleziya zashavujwe n’uko bamwe mu bakirisu babo bigisha inyigisho zo muri Bibiliya aho kwigisha iza Ekleziya. Abo bose baba bafise ibindi bitabu vya Bibiliya kiretse Amazaburi yari mu kilatini, baciye batangura kubita ivyaduka. Inama imwe ya Ekleziya yategetse ko bamwe mu bayoboke babo “bahiga bivuye inyuma abo bantu b’ivyaduka, bakabarondera bitonze kandi kenshi . . . mu mazu yose no mu vyumba vyo mu kuzimu biketse.” Bategetswe bati: “Inzu yose ibonetsemwo umuntu nk’uyo ikwiye guturirwa.”

Iyo abansi ba Bibiliya bayizimanganya, ubutumwa bwayo na bwo nyene bwari kuba buzimanganye.

Urupapuro rwo muri Bibiliya yashizwe mu congereza na William Tyndale

Bibiliya yo mu congereza yateguwe na William Tyndale yararokotse naho yarwanijwe, iraturirwa, eka na Tyndale ubwiwe akicwa mu 1536

INGENE BIBILIYA YAROKOTSE: Umwami Antiochus yibanze cane ku Bayuda baba muri Isirayeli, mugabo hari abandi baba mu bindi bihugu bitari bike. Nkako, abahinga bavuga ko mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, ibice birenga nka 60 kw’ijana vy’Abayuda baba mu mahanga. Mu masinagogi yabo barahabika amakopi y’Ivyanditswe vyeranda, akaba ari yo abo mu nyuma zabo bahavuye bakoresha ushizemwo n’abakirisu.​—Ivyakozwe 15:21.

Hagati y’umwaka wa 500 n’uwa 1500 inyuma ya Kristu, abakunzi ba Bibiliya barabandanije kwimura Ivyanditswe vyeranda no kubishira mu zindi ndimi naho bahamwa. Ibice bimwebimwe vya Bibiliya bishobora kuba vyaraboneka mu ndimi zishika 33 n’imbere y’uko hahingurwa imashini icapura ibitabu ikoresheje utwuma dupangwa tugapangurwa, hagati mu kinjana ca 15. Inyuma y’aho, Bibiliya yarasohowe yongera irashirwa mu zindi ndimi ku rugero rw’akataraboneka.

ICO VYAVUYEMWO: Naho hari abami bakomeye n’indongozi z’amadini barwanije Bibiliya, ni co gitabu gitunzwe na benshi kandi kiri mu ndimi nyinshi gusumba ibindi. Hari ibihugu vyayisunze mu mategeko yavyo. Hari n’indimi usanga zikoresha imvugo zimwezimwe zo muri Bibiliya. Vyongeye, Bibiliya yarahinduye ubuzima bw’abantu amamiliyoni.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika