ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 4 rup. 12-13
  • Aho ubona umuntu ava kure!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Aho ubona umuntu ava kure!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ivyo bijanye
  • Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?
    Urwaruka ruribaza
  • Wokora iki igihe uwo mwubakanye araba amashusho y’ibiterasoni?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Amashusho y’ubushegabo
    Be maso!—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 4 rup. 12-13
Josef Mutke n’umukenyezi wiwe Karolin

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Aho ubona umuntu ava kure!

Nk’uko vyavuzwe na Josef Mutke

  • YAVUTSE MU 1953

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: OSTRALIYA

  • KAHISE: YARI YARATWAWE UMUTIMA N’AMASANAMU Y’IBITERASONI

Josef Mutke akiri muto

KAHISE KANJE:

Dawe yavuye mu Budagi yimukira muri Ostraliya mu 1949. Yagiyeyo kurondera akazi mu mashirahamwe acukura ubutare agahingura n’umuyagankuba, ashikira hagati mu gihugu muri leta ya Victoria. Ni ho yamenyaniye na mawe barubakana maze mvuka mu 1953.

Haciye imyaka mikeyi, mawe yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Uca wumva ko natanguye kwumva inyigisho za Bibiliya kuva nkiri umwana. Ariko dawe ivy’amadini yavyanka kubi. Yahavuye aba umuntu w’inkazi ateye ubwoba kandi mawe yaramutinya cane. Ariko mawe yarabandanije kwiga Bibiliya mu mpisho, kandi yari asigaye akunda cane ivyo yiga. Igihe dawe ataba ari muhira, yaratubwira ivyo yiga twe na mushikanje. Yaratubwira ingene isi izoba Iparadizo n’ingene kwigenza nk’uko Bibiliya ibisaba vyotuma duhimbarwa.​—Zaburi 37:10, 29; Yesaya 48:17.

Mfise imyaka 18, nafashe ingingo yo kwomoka kubera ukuntu dawe yari inkazi. Ivyo mawe yanyigishije muri Bibiliya naravyemera ariko sinabiha agaciro. Ni co gituma ntabikurikiza. Nararonse akazi ahantu bacukurira ibizuku, nkaba nari umufundi w’umuyagankuba. Nshikanye imyaka 20 nararongoye. Inyuma y’imyaka itatu twaribarutse umukobwa wacu wa mbere, nca nsubira gusuzuma ivyanje uko vyifashe. Naciye ntangura kwigana Bibiliya n’Icabona ca Yehova kubera nari nzi neza ko Bibiliya yari gufasha urugo rwanje. Ariko umugore wanje yaranka rwose Ivyabona. Igihe naja gusenga mu Vyabona, yaciye ambwira ati: ‘Ni kimwe muri bibiri, uraheba kwiga Bibiliya canke tuvane!’ Yarangondoje nca ndaheba kuyaga n’Ivyabona. Nahavuye nicuza kubona narahevye ikintu nari nzi neza ko ari ciza.

Umusi umwe abo dukorana baratanguye kunyereka amasanamu y’ibiterasoni. Ayo masanamu umwanya umwe yarandyohera uwundi mwanya akanshisha. Ndayaravye nasigara niyagiriza. Naribuka ivyo nize muri Bibiliya nkaca mbona ko Imana izompana. Mugabo kubera ko nabandanije kuraba ayo masanamu vyatumye ntaba nkibona ko ari mabi. Nahavuye mba umuja wayo.

Mu myaka 20 yakurikiye, nararushirije gukora ibinyuranye rwose n’ivyo mawe yari yaranyigishije. Ingeso zanje zari zihuye n’ivyo naraba. Nari nsigaye mvuga ibishegu n’ibijajuro biteye isoni. Amabanga mpuzabitsina nayabona mu buryo butari bwo. Naho nari nkibana n’umugore wanje, naraja mu bandi bagore. Umusi umwe nariravye mu cirore nca nibwira nti: ‘Emwe ndateye isoni basi.’ Nari nsigaye niyanka, mbona ko ata co maze.

Umubano wacu warasambutse, ubuzima bwanje na bwo bwari busigaye buteye akagongwe. Naciye ntura Yehova isengesho rivuye ku mutima. Narasubiye kwiga Bibiliya, hakaba hari haciye imyaka 20. Dawe yari amaze gupfa, mawe na we yari asigaye ari Icabona ca Yehova.

INGENE BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Ubuzima bwanje nta ho bwari buhuriye n’ibintu vyiza Bibiliya yigisha. Ariko ico gihe hoho naripfuza cane kuronka amahoro yo mu mutima Bibiliya idusezeranira. Naciye ntangura guheba amajambo mabi no kwirinda gutwarwa n’ishavu. Narafashe kandi ingingo yo guheba ingeso mbi, akamari, inzoga zirenze urugero no kwiba databuja.

Abo dukorana ntibumva igituma nariko ndagira ayo mahinduka akomeye. Baramaze imyaka itatu bagerageza kunsubiza mu ngeso zanje za kera. Bishitse aka kera kakagaruka, nk’akarorero ngatwarwa n’ishavu canke nkavuga nabi, bararyoherwa bagaca biha akamo ngo: “Aha! Aka kera karavyutse.” Ayo majambo yarambabaza cane. Naca numva ko ata co nzovamwo.

Ku kazi hari huzuye amasanamu y’ibiterasoni, yaba ari ayo ku mpapuro canke ayo mu vyuma vya none. Abo dukorana bama bayahanahana muri orodinateri zabo, nk’uko nanje nahora ndabigira. Naragerageza kuyaheba ariko bo bakaguma barondera kuntega imitego. Ico kibazo naciye ndagitura uwanyigisha Bibiliya kugira ngo andemeshe yongere amfashe. Yaranteze ugutwi igihe nariko ndamuyagira ayo ngowe. Yarakoresheje imirongo yo muri Bibiliya aranyereka ingene notsinda urwo rugamba yongera andemesha gusaba Yehova imfashanyo mu kuza ndasenga nkobeje.​—Zaburi 119:37.

Umusi umwe narakoranije abo dukorana ndababwira ngo bahe inzoga babiri muri bo bari bazwi ko ari ba gatuku. Bose baciye banyiyamiriza bati: “Oya ntibishoboka. Abo bagabo ntuzi ko bafise ingorane y’inzoga?” Naciye ndabishura nti: “Mumenye rero ko nanje mfise ingorane ndiko ndarwana na yo.” Kuva uwo musi baratahuye ko nariko ndihatira guheba amasanamu y’ibiterasoni kandi ntibasubiye kugerageza kunsubiza mu ngeso zanje za kera.

Yehova yaramfashije cane ndateba ndaheba kuraba ayo masanamu. Mu 1999 narabatijwe mba Icabona ca Yehova. Narakengurutse cane kubona Yehova yarampaye akandi karyo ko kugira ubuzima bwiza kandi buteye umunezero.

Ubu ndatahura igituma Yehova yanka ibintu bibi namaze igihe kirekire nkunda. Kubera ko ari Umuvyeyi, yashaka kunkingira ingaruka mbi z’amasanamu y’ibiterasoni. Emwe amajambo yo mu Migani 3:5, 6 avuga ukuri nk’ukurima! Agira ati: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.” Amategeko ya Bibiliya ntiyankingiye gusa, yaratumye kandi ivyanje bigenda neza.​—Zaburi 1:1-3.

Josef Mutke ubu

IVYIZA NAHAKUYE:

Nahora numva ata co maze ariko ubu ndumva ko hari ico maze kandi ndafise amahoro mu mutima. Ubu mfise ingeso nziza. Vyongeye ndiyumvamwo ko Yehova yambabariye kandi ko anshigikira. Mu 2000 narubakanye na Karolin, umukirisu mwiza akunda Yehova nkanje. Urugo rwacu rurangwa amahoro. Ese ukuntu ari agateka kuba turi mu muryango utyoroye w’abavukanyi bakundana ukwiye kw’isi yose!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika