ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 6 rup. 3
  • “Ni yo ngabire iruta izindi zose nari maze kuronka”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ni yo ngabire iruta izindi zose nari maze kuronka”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ivyo bijanye
  • Womenya gute ingabire iruta izindi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ingabire ntangere y’Imana: Kubera iki ari iy’agaciro cane?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ingabire iruta izindi zose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Intangamarara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 6 rup. 3
Umukobwa ateruye akabwa, umugore afise orodinateri, umugabo afise agakarata

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGABIRE IRUTA ZOSE NI IYIHE?

“Ni yo ngabire iruta izindi zose nari maze kuronka”

Ukwo ni ko umukobwa w’imyaka 13 yavuze igihe bamugabira akabwa. Umukenyezi umwe w’umugwizatunga akomeye na we yavuze ko orodinateri se yamugabiye akiri kw’ishure, ari ingabire yahinduye ubuzima bwiwe. Umugabo yari aherutse kurushinga we yabona ko agakarata umugore wiwe yahinguye akakamuha bamaze umwaka bubakanye, ari yo ngabire iruta izindi zose yari amaze kuronka.

Buri mwaka, abantu benshi barita ku rutare barondera ingabire bovuga ko iruta izindi zose bazoha umugenzi canke incuti ku musi kanaka udasanzwe. Na bo nyene usanga boshima kubwirwa amajambo asa n’ayavuzwe aho haruguru. Weho bite? Woba wipfuza gutanga canke kuronka ingabire ishimishije?

Ico ni ikintu benshi bipfuza. Uti kubera iki? Mu bisanzwe, ingabire ntihimbara gusa uwuyironse, ariko kandi iratuma nyene kuyitanga agira agahimbare. Nkako, Bibiliya ivuga iti: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe 20:35) Ariko ntiwumve, umunezero uva ku gutanga woshobora kwongerekana igihe uwahawe ingabirano ayiha agaciro kanini.

None wokora iki kugira ingabire utanga itume wewe n’uwo uyihaye mwempi muhimbarwa? Mbega hoho nka hamwe ingabire yitwa ko iruta izindi yoba idashoboka, wokora iki kugira ngo iyo utanga ibe iyishimishije?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika