ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/00 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 8/00 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Myandagaro: Iyo ari yo yose mu maboroshire y’impapuro 32 akurikira yoshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, hamwe na Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? Amaboroshire Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre? hamwe na Un livre pour tous, yoshobora gutangwa aho bibereye. Udutabu “Cette bonne nouvelle du Royaume” hamwe na Imizimu, na two nyene twoshobora gukoreshwa muri uku kwezi. Nyakanga: La Révélation: le grand dénouement est proche! Gitugutu: Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Aho abantu bashimishwa igihe dusubiye kubagendera, twoshobora kubasaba kugirisha abonema. Guhera mu gice ca nyuma c’ukwezi, Inkuru z’Ubwami No. 36, “Ikimpumbi Gishasha—Kazoza Wewe Kakubikiye Iki?” zizogabanganywa. Munyonyo: Igabanganywa ry’Inkuru z’Ubwami rizobandanya. Amashengero ahetura icibare cayo mu gushikira abanyamihana ku mazu yose canke akaba agifise ikopi y’Inkuru z’Ubwami No. 36 arashobora gushikiriza agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi. Nimba abantu baramaze kubironka, igitabu Kubaho Ibihe Bidashira canke Création birashobora gukoreshwa.

◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi wese yagenywe na we akwiye kugenzura amakonte y’ishengero ku wa 1 Nyakanga canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo bimaze kugirwa, nimutangarize ishengero raporo y’amakonte ikurikira imaze gusomwa.

◼ Amashengero arakwiye gutangura gusaba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2001 (Ikirangamisi c’Ivyabona vya Yehova 2001) kuri komande yayo y’ibisohokayandikiro yo muri Nyakanga. Ivyo birangamisi bizoboneka mu Carabu, mu Congereza, mu Gifaransa, mu Gihindi no mu Gishinwa.

◼ Ishengero ryose rizorungikirwa igitigiri gihagije c’amafomu yo gukoresha mu mwaka w’umurimo w’2001. Turabinginze ngo muzokoreshe ayo mafomu mwigengesera. Akwiye gukoreshwa ku vyo yagenewe gusa.

◼ Kuva ku wa 25 Myandagaro 2000 gushika ku wa 26 Myandagaro 2000, Sosiyete izogira itondanuza ry’ibisohokayandikiro vyose Beteli ifise. Kubera iryo tondanuza, nta makomande y’ibisohokayandikiro y’ishengero azotunganirizwa ivyayo ngo birungikwe canke ngo bitorwe muri iyo misi.

◼ Ibisohokayandiro biboneka:

Ni Ibiki Imana Idusaba?—mu Giswahili

Ubumenyi Bujana ku Buzima Budahera—mu Giswahili

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika