ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/02 rup. 1
  • Guma Ushira ivy’Ubwami mu Kibanza ca Mbere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Guma Ushira ivy’Ubwami mu Kibanza ca Mbere
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ubwa Mbere Nimubandanye Kurondera Ivy’Ubwami’
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • ‘Banza Witwararike Ubwami’
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Abakozi b’ishengero barakora igikorwa c’agaciro
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Imirimo Ujejwe Yoba Ikubera Intambamyi mu Kwamamaza?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 1/02 rup. 1

Guma Ushira ivy’Ubwami mu Kibanza ca Mbere

1 Gushira Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima kandi ukabibandanya, ntivyoroshe mu gihe duhangana n’imikazo yo mu vy’ubutunzi canke izindi ngorane. Twogumiza gute ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere igihe ingorane zivyutse? Bite hoho mu gihe duhawe akazi kadusaba gusiba amakoraniro canke katubuza kuja mu murimo wo ndimiro? Mbega none ivy’Ubwami vyoca rero bitegerezwa kuja mu kibanza ca kabiri mu buzima?

2 Bisaba Ukwizera Gukomeye: Igihe ukwizera kwacu kugeragejwe muri ivyo bihe, dutegerezwa kutibagira umuhango wa Yehova n’ukuntu Yezu yadukuye amazinda yuko Imana idushigikira mu gihe turondera gushira ivy’Ubwami imbere. (Zab. 37:25; Mat. 6:31-34) Utwosho tw’isi hamwe n’imikazo vyoshobora gutwikira uburyo tubona ibintu, bikatubuza kuguma tubona ko Ubwami ari co kintu gihambaye kuruta ikindi kintu ico ari co cose. Bamwe bararetse ivy’ukurondera ibiti ku kazi canke ivy’ukurondera ubutunzi biba ari vyo bihinduka ikintu nyamukuru mu buzima. Ariko rero, nka kumwe kwa Paulo, turakeneye kurimbura vy’ukuri icoba gifise agaciro koko mu buzima.—Flp. 3:7, 8.

3 Vyoba Bikenewe ko Umuntu Agira Ivyo Ahinduye?: Umwamamaji umwe yavuze ati: “Umutima wanje wari ku vyo nacuruza, emwe cari co kintu gihambaye kuruta ibindi nakunda. Niyumvira ko nogumye ndi Icabona naho nohebera umwanya munini inyungu zo mu vy’ubudandaji.” Ariko yaguma yumva ababaye kubera ko yari ashoboye kurushiriza kugira ico akoze mu gusukurira Yehova. Mu nyuma yarahevye ivy’ubudandaji vyari vyaramubereye intambamyi mw’iterambere ryiwe ryo mu vy’impwemu. Amaze kwiyegura ku bw’igikorwa c’Ubwami, yarashoboye kuvuga ati: “Ubu ndumva ko ubuzima bwanje bwerewe mu nyonga za Yehova, ico akaba ari co kintu nyamukuru vy’ukuri.”

4 Igishimishije, benshi barahevye ubuzi bwo mw’isi n’ivy’ukurondera inyungu nyinshi kuruta mu vy’ubutunzi, barorosha ubuzima bwabo, maze binjira mu gikorwa c’igihe cose. Abakozi b’ishengero n’abakurambere bakiri bato kandi b’abirebange bitaba rya Shure Rimenyereza Abasuku, ivyo barabigize kandi bariko baranezererwa uduteka twiza tw’umurimo. Mu kwigana akarorero keza k’intumwa Paulo, barabumbwa vy’ukuri n’ibintu nyamukuru vy’umubiri.—1 Kor. 11:1; 1 Tim. 6:6-8; Heb. 13:5.

5 Naho iyi isi ishobora kuducokora ku bw’ukuntu tubona ubuzima, Yehova araduhezagira. (1 Kor. 1:26-31) Ntibituremesha none kumenya yuko azodukoresha mu buryo bushitse uko bishoboka kwose kandi ko azodufasha kurangura igikorwa ciwe? Akaryo dufise ubu ko kwamamaza Ubwami bw’Imana bumaze gushingwa ntikazokwigera gasubirwamwo. Ku bw’ico rero, ubu ni co gihe co kuguma dushira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika