ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/02 rup. 1
  • Ukwizera Kwacu Kuradusunikira Gukora Ibikorwa Vyiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwizera Kwacu Kuradusunikira Gukora Ibikorwa Vyiza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Nugaragaze ko wizera ivyo Yehova yasezeranye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • “Twongerereze ukwizera”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ukwizera Kwawe Gukomeye ku Rugero Rungana Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ukwizera​—Kamere idukomeza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 5/02 rup. 1

Ukwizera Kwacu Kuradusunikira Gukora Ibikorwa Vyiza

1 Ukwizera kwatumye Nowa, Musa na Rahabu bagira ico bakoze. Nowa yarubatse ubwato. Musa yarahevye ubuzima bwiza bw’akanya gato bwo ku kirimba kwa Farawo. Rahabu yaranyegeje ba batasi yongera aragamburuka inyobozo zabo, akiza abo mu nzu yiwe. (Heb. 11:7, 24-26, 31) Ni ibikorwa vyiza ibihe ukwizera kwacu kudusunikirako muri iki gihe?

2 Gushinga Intahe: Ukwizera kuratuvyurira umutima wo kuvuga ivyerekeye Imana yacu y’igitangaza be n’intunganyo yagize ku bw’ubuhirwe bw’ibihe bidahera. (2 Kor. 4:13) Rimwe na rimwe, twoshobora kwumva twijijanya umutima ku vyo gushinga intahe. Ariko igihe ‘dushize Yehova imbere yacu ubudahengeshanya,’ turakomezwa kandi tugashira ubwoba. (Zab. 16:8) Ico gihe ukwizera kwacu kuratugobera kubwira inkuru nziza incuti, ababanyi, abo dukorana, abo twigana n’abandi igihe akaryo keza kose kabonetse.—Rom. 1:14-16.

3 Gukoranira Hamwe: Kwitaba amakoraniro ubudahorereza ni ikindi gikorwa ciza kiva ku kwizera. Mu buryo nyabaki? Vyerekana ukujijuka kwacu yuko Yezu ari kumwe na twe igihe turi ku makoraniro ya gikirisu biciye ku mpwemu yera y’Imana. (Mat. 18:20) Birerekana icipfuzo cacu co ‘kwumva ico impwemu ibwira amashengero.’ (Ivyah. 3:6) Turafatana uburemere inyigisho turonka kubera yuko amaso yacu y’ukwizera abona ko uwutwigisha ari wa Mucishabwenge wacu Mukuru, Yehova.—Yes. 30:20.

4 Amahitamwo Tugira: Ukujijuka gukomeye ku vyerekeye ibintu vy’ibinyakuri bitaboneka gutuma duha ikibanza ca mbere ibintu vy’impwemu mu buzima bwacu. (Heb. 11:1) Ivyo kenshi birasaba guheba ibintu vy’umubiri. Nk’akarorero, umukurambere umwe yaranse kwemera akazi karimwo inyungu nyinshi kubera ko vyomutumye asiba amakoraniro amwamwe, akaba kure y’umuryango wiwe, kandi bikanatuma ahagarika ubusuku bwiwe bw’ubutsimvyi. Ese na twebwe nk’uko nyene twokwizigira bimwe bishitse umuhango wo muri Bibiliya yuko Yehova azobungabunga abo ‘baguma . . . bashira imbere ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo.’—Mat. 6:33.

5 Akosho gakomeye ukwizera kugira ku buzima bwacu ntikabura kubonwa n’abandi. Nkako, ukwizera kwacu kurazwi kw’isi yose. (Rom. 1:8) Ku bw’ico rero, ese twese twogaragaza yuko ukwizera kwacu ari kuzima biciye ku bikorwa vyacu vyiza.—Yak. 2:26.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika