Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Ahabonetse ugushimishwa igihe c’amasubirayo, nushireho inzira y’ibinyamakuru kuri uwo muntu. Nushikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ruheshi: Ni Ibiki Imana Idusaba? canke Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Agatabu Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana! be n’igitabu Abahurikiye Hamwe mu Gusenga Imana Nsa y’Ukuri na vyo nyene birashobora gushikirizwa. Aho abanyamuhana bafise ivyo bisohokayandikiro, nimushikirize agatabu kabereye ishengero rifise mu bubiko. Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro Izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles.” Udutabu Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre? hamwe na Un livre pour tous, twoshobora gushikirizwa aho bibereye. Udutabu La voie de Dieu est une voie d’amour, Les esprits invisibles—Sont-ils bons ou malfaisants? hamwe na Y a-t-il un Dieu qui se soucie de nous? na two nyene twoshobora gushikirizwa.
◼ Umucungezi muhagarikizi canke umuntu yagenywe na we akwiye gukenguza ivy’amakonte y’ishengero ku wa 1 Ruheshi canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo bimaze gukorwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte izokurikira imaze gusomwa.
◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya (Integuro ntoyi)—mu Gishinwa no mu Gishinwa (Coroheje)
Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau (imwe yitwa Deluxe ishobora kuja mu mupfuko; haboneka izifise igipfukisho cirabura canke gishaka gutukura)—mu Gishinwa
◼ Ibisohokayandikiro vy’Impumyi Bishasha Biboneka:
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi (imbumbe ya kane)—Igice ca kabiri mu Congereza
Ibimenyeshejwe: Ibisohokayandikiro vy’impumyi bikwiye gusabwa biciye kw’ishengero. Ifomu yo Gusaba Ibinyamakuru iri ukwa yonyene (S-14) itegerezwa kwuzuzwako ico kintu canditswe mu nyuguti z’impumyi, hariko n’izina na aderese y’umusomyi w’inyuguti z’impumyi. Turabasavye mwandikeko muti: VYEREKEYE: IBIRO BIJEJWE IBINTU VY’INYUGUTI Z’IMPUMYI.