ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/02 rup. 8
  • Ishengero Ryanyu Ryoba Rifise Icibare Kinini?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ishengero Ryanyu Ryoba Rifise Icibare Kinini?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Igihe tudasanze abantu i muhira
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Woba ufise icibare cawe bwite?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Woba wokwungukira ku kuba ufise icibare cawe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 5/02 rup. 8

Ishengero Ryanyu Ryoba Rifise Icibare Kinini?

1 Avuye mu bisagara i Yudaya aja mu ntara zo hagati y’i Galilaya, Yezu yarashinze intahe inogangije mu karere kanini ko muri Isirayeli ya kera. (Mrk. 1:38, 39; Luka 23:5) Na twebwe nyene dutegerezwa gushikana inkuru nziza ku bantu benshi dushobora gushikira. (Mrk. 13:10) Ariko rero, ivyo birashobora kuba urugamba. Kubera iki?

2 Amashengero menshi muri Afirika yo mu Buseruko ahanini afise ivyibare biri mu gihugu hagati, agahetura uburinganire bw’ibirometero amajana n’ayandi. Ayandi mashengero ashobora kuba akorera mu turere tw’ibisagara birimwo abantu benshi, arondera abantu boshobora kwumviriza inkuru nziza. Twokora iki kugira ngo dufashe abantu baba muri mwene ivyo vyibare binini kugira ngo bige ukuri kwerekeye Yehova, Yezu be n’Ubwami?

3 Nimutegekanye Ibintu Mwitonze: Umucungezi w’umurimo n’uwujejwe ivyibare barakwiye gucungera utwigoro ishengero rigira kugira rirangura igikorwa ciza kuruta. Kumbure imisi ya Gatandatu idasanzwe irashobora gushirwa ku rutonde igihe abenshi bashobora kumara umusi wose mu gikorwa. Igihe mukorera mu vyibare biri kure na kure, nimutegekanye kumara mu murimo wo mu ndimiro amasaha menshi kuruta nimba bishoboka, mutware akavunamusase kugira ngo mukinovore ku mutaga. Mwoshobora guhurira hamwe kugira ngo muje mu murimo hakiri kare kuruta uko vyahora kugira mushobore kuronka umwanya wo gufata urugendo muja mu cibare canke naho mukagirira ikoraniro ry’umurimo wo mu ndimiro hafi y’akarere muja gukoreramwo. Nimugire imigwi mitomito kugira ngo bose bagume bafise vyinshi bokora. Nimutunganye gukorera mu turere turi mu gihugu hagati mu biringo vyo mu mwaka ikirere n’amabarabara biba vyifashe neza.

4 Abakorera mu dusagara canke mu bisagara binini barashobora gucungura umwanya uri n’agaciro mu kuringaniza neza ivyibare bihagije. Nimuringanize ivyibare kugira ngo abagize umugwi baronke icibare gikwiye maze bashobore kukimaramwo igitondo cose canke umugoroba wose.

5 Nimurabe neza ko mwitwaje igitigiri gikwiye c’ibisohokayandikiro. Nimba ari icibare gikorerwamwo gake, vyoba vyiza gusiga agapapuro k’inkuru nziza canke ikinyamakuru ca kera ku batari ku mihana. Nimba agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo: Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya? kaboneka mu rurimi rwanyu, nimugashikirize umuntu wese muhuye kandi musige kamwe aho abantu batabonetse ku mihana.

6 Nimusenyere ku Mugozi Umwe Bimwe Bishitse: Gukora ivyibare binini bisaba gusenyera ku mugozi umwe n’umwumwe wese wo mw’ishengero. Igihe bikenewe ko bafata urugendo rurerure, abafadikanije urugendo barashobora gufashanya kuriha ibitoro. Birakwiye ko mutahura neza ibintu igihe musanze abanyamuhana bashaka kuganira. Nimugumize mu muzirikanyi yuko bikenewe ko mushikira abari mu cibare bose, kandi mwitwararike abo muri kumwe mu mugwi boba babarindiriye. Nimba mwipfuza kubandanya ikiganiro n’umuntu yashimishijwe igihe kirekire, vyoba bishoboka ko haba ibiringanizwa kugira ngo umugwi usigaye ubandanye umurimo wo mu ndimiro?

7 Nimugire indinganizo zitomoye kugira ngo muzokurikirane abashimishijwe bose. Turetse aderese isanzwe, nimugerageze kuronka ibindi bimenyetso bizobafasha kumenya neza inzu y’umuntu yashimishijwe. Nk’akarorero, nimba amabarabara yo mu gihugu hagati atagira izina canke amazu atagira inomero, nimucape mwitonze ikarata canke mwandike mudondora ukuntu mwotora umuntu yashimishijwe nimwasubira kumugendera.

8 Ese ingene ari agateka dufise ko kwitondera inyobozo za Yezu zivuga ziti: “Igisagara cose cank’imihana muzoshikamwo, muhabaze ūbereye”! (Mat. 10:11) Nta nkeka Yehova azohezagira utwigoro twanyu uko mwitanga muvyishakiye muri iki gikorwa kizana impera nyinshi kuruta!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika