Ukuntu twokwitegurira Ikoraniro ry’umurimo
1. Ikoraniro ry’umurimo rifise intumbero iyihe, kandi ni gute tworyungukirako cane?
1 Ikoraniro ry’umurimo rigenewe kuturonsa ivyo dukeneye kugira turoranirwe mu busuku. Ikintu nyamukuru gishimikwako muri iryo koraniro ni ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami, uguhindura abantu abigishwa be n’ugutangaza urubanza rw’Imana rwimirije gushitswa. (Mat. 28:20; Mrk. 13:10; 2 Pet. 3:7) Turungukira cane kuri iryo koraniro rihambaye igihe twiteguye neza kandi tukaba twiteguriye kurigiramwo uruhara.
2. Dushobora gute kwitegurira gutega yompi insiguro yinaka?
2 Insiguro: Amayagwa akurwamwo insiguro arakunda kwerekanwa mu buyobozi buhabwa nyene gushikiriza ico kiganiro. Woshobora gusuzuma ayo mayagwa yatanzwe, ushizemwo n’ivyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo mu majambo, hanyuma ukiyumvira ukuntu woyakoresha mu busuku.
3. Twokora iki mu kwitegurira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu?
3 Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu: Ico kiganiro kizoshikirizwa nka kurya nyene kw’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, kikazogira intangamarara be n’insozero bigufiya. Nuce umurongo ku vyiyumviro nyamukuru biri mu ngingo imwimwe yose, hanyuma witegurire gutanga insasanuro ngirakamaro ngufingufi.
4. Twokwitegurira gute ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza?
4 Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza: Ico kiganiro kizoshikirizwa nk’insiguro, ariko nyene kugishikiriza azosaba abumviriza ngo bakigiremwo uruhara. Uciye umurongo ku vyiyumviro bikurubikuru ukongera ukaraba ivyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo mu majambo, woshobora gutanga insasanuro igihe habajijwe ibibazo. Umuvukanyi ashikiriza ico kiganiro aragira akigoro kose gashoboka kugira ashiremwo abumviriza mu gushikiriza ivyiyumviro bikurubikuru.
5. Ni igiki kizodufasha kwungukira cane ku myerekano?
5 Imyerekano: Ibiganiro bimwebimwe usanga birimwo imyerekano y’ibintu bibaho koko kugira herekanwe ingene ayo makuru aba ariko ararimburwa yokoreshwa mu karere iwanyu. Abakurambere canke abamamaji bazi utuntu n’utundi kibure abatsimvyi barasabwa gufasha muri uwo muce. Ukwitegurira ico kiganiro vyoshobora kujamwo ukuzirikana imbere y’igihe ukuntu ayo mayagwa azoshikirizwa. Igihe hari umwerekano uzogirwa w’ukuntu uburyo bwatanzwe bwo gushikiriza ibinyamakuru bwokoreshwa, niwiyumvire ukuntu wobukoresha mu majambo yawe n’ukuntu wobuhuza n’ivyo abantu batandukanye usanga ku mihana bakeneye. Nurabe ko ufise igisohokayandikiro canke ikinyamakuru kizokoreshwa mu mwerekano. Kuri wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango, woshobora gusanga ari ngirakamaro kwimenyereza bumwebumwe muri ubwo buryo bwo gushikiriza ibisohokayandikiro.
6. Ni imvo zimwezimwe izihe zituma twitegurira Ikoraniro ry’umurimo?
6 Ikoraniro ry’umurimo rirarushiriza kuryoha igihe twaryiteguriye kandi tukazirikana imbere y’igihe ku nyigisho nziza izoshikirizwa. Kubigenza gutyo, bizotuma turushiriza guhanahana indemesho. (Rom. 1:11, 12) Dufashe umwanya wo kwitegurira Ikoraniro ry’umurimo, tuzoba abafise ibikenewe vyose kugira turangure igikorwa twashinzwe.—2 Tim. 3:17.