UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 34-37
Ukwizera kwa Hezekiya ntikwabaye ukw’ubusa
Umwami Senakeribu wa Ashuri yararungitse Rabushake i Yeruzalemu ngo asabe ko ico gisagara cishikana. Kugira batume Abayuda bishikana batarinze kurwana, Abashuri barakoresheje ivyiyumviro bitandukanye. Baragerageje:
Kubereka ko bari ukwa bonyene, ngo Misiri nta co izobafasha.—Yes 36:6
Kubateramwo inkeka, ngo Yehova ntazobarwanira kubera ko atakibashima.—Yes 36:7, 10
Kubatera ubwoba, ngo ntibashobora gutsinda ingabo zikomeye z’Abashuri.—Yes 36:8, 9
Kubosha nabi, ngo bishikanye ku Bashuri bazoca babaho neza.—Yes 36:16, 17
Hezekiya yaguma yizeye Yehova
Yarakoze ivyo ashoboye kugira yitegurire ugusugerezwa n’Abashuri
Yarasavye Yehova ngo abarokore yongera aremesha abanyagihugu ngo na bo babigire
Ukwizera kwiwe ntikwabaye ukw’ubusa kuko Yehova yarungitse umumarayika akica abasoda b’Abashuri 185.000 mw’ijoro rimwe